ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 28
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Izahaki arungika Yakobo i Padani-Aramu (1-9)

      • Indoto Yakobo yarose ari i Beteli (10-22)

        • Imana ikura amazinda Yakobo ko izoshitsa umuhango wayo (13-15)

Itanguriro 28:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:34, 37; Kv 34:15, 16; 1Bm 11:1-3; 2Kr 6:14

Itanguriro 28:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:16

Itanguriro 28:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:5; 46:15, 19; 1Ng 2:1, 2

Itanguriro 28:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 12:2, 3
  • +It 12:7; 15:13; 17:1, 8; Heb 11:9

Itanguriro 28:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:20
  • +It 24:29

Itanguriro 28:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 28:1; 2Kr 6:14

Itanguriro 28:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 27:43

Itanguriro 28:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 27:46

Itanguriro 28:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 36:2, 3

Itanguriro 28:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 11:31; 27:43

Itanguriro 28:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 28:18, 19

Itanguriro 28:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 1:51; Heb 1:7, 14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 28

    15/10/2003, rup. 28-29

Itanguriro 28:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 26:24, 25
  • +It 12:7; 28:4; Zb 105:9-11

Itanguriro 28:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

  • *

    Canke «izokwironsa umuhezagiro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 13:14, 16; 1Bm 4:20
  • +It 18:18; 22:15, 18

Itanguriro 28:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:6
  • +It 31:3; Gh 23:19; Yos 23:14; Heb 6:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2013, rup. 20-21

Itanguriro 28:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 47:2
  • +It 35:1

Itanguriro 28:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:13

Itanguriro 28:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «inzu y’Imana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:6; Yos 16:1, 2

Itanguriro 28:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Itanguriro 28:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 28:1It 24:34, 37; Kv 34:15, 16; 1Bm 11:1-3; 2Kr 6:14
Ita. 28:2It 29:16
Ita. 28:3It 17:5; 46:15, 19; 1Ng 2:1, 2
Ita. 28:4It 12:2, 3
Ita. 28:4It 12:7; 15:13; 17:1, 8; Heb 11:9
Ita. 28:5It 25:20
Ita. 28:5It 24:29
Ita. 28:6It 28:1; 2Kr 6:14
Ita. 28:7It 27:43
Ita. 28:8It 27:46
Ita. 28:9It 36:2, 3
Ita. 28:10It 11:31; 27:43
Ita. 28:11It 28:18, 19
Ita. 28:12Yoh 1:51; Heb 1:7, 14
Ita. 28:13It 26:24, 25
Ita. 28:13It 12:7; 28:4; Zb 105:9-11
Ita. 28:14It 13:14, 16; 1Bm 4:20
Ita. 28:14It 18:18; 22:15, 18
Ita. 28:15It 35:6
Ita. 28:15It 31:3; Gh 23:19; Yos 23:14; Heb 6:18
Ita. 28:17Zb 47:2
Ita. 28:17It 35:1
Ita. 28:18It 31:13
Ita. 28:19It 35:6; Yos 16:1, 2
Ita. 28:22It 35:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 28:1-22

Itanguriro

28 Izahaki aca ahamagara Yakobo, aramuhezagira maze amutegeka ati: «Ntuze uzane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+. 2 Nuje i Padani-Aramu kwa Betuweli se wa nyoko wawe, urondere umugore mu bakobwa ba Labani+ musaza wa nyoko wawe. 3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi uzovamwo ishengero ry’amahanga menshi+. 4 Izoguhezagira mwe n’uruvyaro* rwawe, nk’uko yahezagiye Aburahamu+, ikugabire igihugu wabayemwo uri umunyamahanga, ico yahaye Aburahamu+.»

5 Nuko Izahaki arungika Yakobo, aja i Padani-Aramu kwa Labani umuhungu wa Betuweli Umwaramu+. Labani yari musaza wa Rebeka+ nyina wa Yakobo na Esawu.

6 Esawu amenya ko Izahaki yari yahezagiye Yakobo akamurungika i Padani-Aramu kuronderayo umugore, be n’uko yari yamutegetse ngo ntazane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+. 7 Amenya kandi ko Yakobo yari yagamburukiye se na nyina akaja i Padani-Aramu+. 8 Esawu rero aca abona ko se wiwe Izahaki adakunda abakobwa b’i Kanani+. 9 Aca aja kwa Ishimayeli umuhungu wa Aburahamu maze atwara Mahalati umukobwa wiwe, amwongera ku bandi bagore yari afise+. Mahalati yari mushiki wa Nebayoti.

10 Nuko Yakobo ava i Beri-Sheba, afata urugendo aja i Harani+. 11 Abonye izuba rirenze, aca afata ingingo yo kurara aho yari ageze. Araheza atora rimwe mu mabuye yari aho kugira aryiseguze, aryama ng’aho+. 12 Maze ararota, abona ingazi yava kw’isi igashika kw’ijuru. Abamarayika b’Imana baguma baduga bongera bamanuka kuri yo+. 13 Abona kandi Yehova ari hejuru yayo, maze abwira Yakobo ati:

«Ndi Yehova Imana ya Aburahamu sokuru wawe n’Imana ya Izahaki+. Iki gihugu uryamyeko nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe+. 14 Uruvyaro* rwawe ruzogwira nk’umukungugu wo kw’isi+. Ruzokwiragira mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe no ku ruvyaro rwawe+. 15 Ndi kumwe nawe, nzogukingira aho uzoja hose kandi nzokugarukana muri iki gihugu+. Sinzoguta kandi nzoshitsa ivyo nagusezeraniye+.»

16 Maze Yakobo arikangura, avuga ati: «Ni ukuri Yehova ari muri iki kibanza, kandi sinari ndabizi.» 17 Aca aratinya, yongerako ati: «Aha hantu harateye ubwoba vy’ukuri! Emwe, iyi ni inzu y’Imana koko+, ni irembo ry’ijuru+.» 18 Hanyuma Yakobo avyuka kare mu gitondo, atora rya buye yari yiseguje, arishinga nk’inkingi maze arisukako amavuta hejuru+. 19 Aho hantu aca ahita Beteli*, ariko ico gisagara kera citwa Luzi+.

20 Yakobo aca agira iyi ndagano ati: «Imana niyagumana nanje, ikankingira mu rugendo rwanje, ikampa ibifungurwa* n’ivyambarwa 21 kandi nkagaruka amahoro mu rugo kwa data, Yehova azoba yerekanye vy’ukuri ko ari Imana yanje. 22 Iri buye nashinze nk’inkingi rizocika inzu y’Imana+, kandi sinzobura guha Imana ic’icumi c’ikintu cose izompa.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika