Zaburi
Ni indirimbo* ya Dawidi.
16 Ewe Mana, nunkingire kuko nahungiye kuri wewe+.
2 Nabwiye Yehova nti: «Uri Yehova, isoko ry’ivyiza vyose mfise.
4 Abakurikira izindi mana bikwegera imibabaro myinshi+.
Sinzokwigera ndazishikanira amashikanwa y’amaraso,
kandi sinzokwigera ncisha mu kanwa amazina yazo+.
5 Yehova ni we mugabane wanje, icibare canje+ n’igikombe canje+.
Ni wewe uzigama intoranwa yanje.
6 Akarimbi kanje kaguye ahantu heza.
Emwe, intoranwa yanje irampimbara cane+.
7 Nzoshemeza Yehova, we yangiriye inama+.
Mbere no mw’ijoro ivyiyumviro vyanje* birankosora+.
8 Nama nshira imbere yanje Yehova+.
Sinzokwigera nyiganyizwa* kuko ari iburyo bwanje+.
9 Ni co gituma umutima wanje uhimbawe, nuzuye umunezero.
Vyongeye, nibereyeho mu mutekano.
10 Kuko utazompebera mu kuzimu+.