Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo.
2 Nubatumure nka kurya umwotsi ugururwa n’umuyaga.
Ababisha nibazimangane imbere y’Imana,
nka kurya ishashara rishonga imbere y’umuriro+.
4 Nimuririmbire Imana, muririmbire amashemezo* izina ryayo+.
Nimuririmbire umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa* ari kw’ifarasi.
Yehova* ni ryo zina ryiwe+. Nimunezerwe imbere yiwe!
Ariko intagondwa* zibwirizwa kuba mu gihugu kigadutse+.
ijuru na ryo rirekura imvura* kubera Imana.
Uyu musozi Sinayi waratigise kubera Imana, Imana ya Isirayeli+.
9 Ewe Mana, watumye hagwa imvura nyinshi,
utuma abantu bawe barushe bagarura agatege.
12 Abami b’ingabo barahunga+, emwe barahunga!
Umugore yigumiye muhira araronka ku vyasahuwe+.
13 Naho mwahora muryama hagati y’imiriro mw’ikambi*,
muzotahukana inuma ifise amababa yakaka nk’ifeza,
n’amubi akayangana nk’inzahabu nzizanziza*.
Emwe, Yehova ni ho azokwibera ibihe vyose+.
17 Imikogote y’intambara y’Imana ni ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+.
Yehova yavuye i Sinayi maze yinjira ahantu heranda+.
ugenda ujanye imbohe.
Watwaye ingabire zigizwe n’abagabo+,
harimwo mbere n’intagondwa+, kugira ube muri bo, ewe Yehova* Mana!
22 Yehova yavuze ati: «Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+.
Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga,
23 kugira muhonyore mu maraso y’abansi banyu+,
ururimi rw’imbwa zanyu na rwo runywe amaraso yabo.»
24 Ewe Mana, barabonye ingendo zawe,
ingendo z’Imana yanje ari yo Mwami wanje, zo kuja ahantu heranda+.
26 Nimushemeze Imana amasinzi* akoranye.
Nimushemeze Yehova mwebwe abakomoka kw’Isôko rya Isirayeli+!
27 Ng’urya umuryango mutoyi wa Benyamini+, umwe ubamara amanyama.
Abaganwa ba Yuda n’ishengero ryabo rivuza urwamo,
hamwe n’abaganwa ba Zabuloni n’aba Nafutali, na bo nyene barabamara amanyama.
28 Imana yawe yaravuze ko uzogira inkomezi.
Ewe Mana, niwerekane inkomezi zawe nk’uko wabitugiriye+.
30 Nukankamire ibikoko vyo mw’ishamba biba mu marenga,
ubusho bw’impfizi+ hamwe n’inyana zazo,
gushika amahanga akwunamire azanye ifeza*.
Nusanzaze amahanga akunda intambara.
33 umwe agendera kw’ijuru riruta amajuru yose+ yo kuva kera na rindi.
Ijwi ryiwe rikomeye ng’iryo riraturagaye!
34 Nimwemere ko Imana ifise ububasha+.
Icubahiro cayo kiri kuri Isirayeli,
kandi ububasha bwayo buri mw’ijuru*.
35 Imana iratinyitse iri ahantu hayo* heranda hakomeye+.
Ni Imana ya Isirayeli,
imwe iha abantu inkomezi n’ububasha+.
Nimushemeze Imana.