ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 68
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • «Abansi b’Imana nibashwiragire»

        • «Se w’impfuvyi» (5)

        • Imana iraronsa inyakamwe aho iba (6)

        • Abagore baratangaza inkuru nziza (11)

        • Ingabire zigizwe n’abagabo (18)

        • «Yehova aratwikorerera umutwaro buri musi» (19)

Zaburi 68:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 10:35; Zb 21:8

Zaburi 68:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Nah 1:6

Zaburi 68:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 32:11

Zaburi 68:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mucurarangire.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca mu bicu.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 12:4
  • +Kv 6:3

Zaburi 68:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «icira imanza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 57:15
  • +Kv 22:22-24; Gus 10:17, 18; Zb 10:14; 146:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2006, rup. 4

Zaburi 68:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abagarariji.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 113:9
  • +Yes 61:1
  • +Gus 28:15, 23; Zb 107:33, 34

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 1 2018 rup. 11

Zaburi 68:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «wasohoka ugendera imbere.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 13:21

Zaburi 68:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «riratonyanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 114:1, 4; Heb 12:26
  • +Kv 19:18; Abc 5:4, 5

Zaburi 68:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ukumera neza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 10:34

Zaburi 68:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:20; Abc 5:1; 11:34; 1Sm 18:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2014, rup. 10

Zaburi 68:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 31:25-27; Yos 10:12, 16; 12:7; Abc 5:19
  • +Gh 31:27; 1Sm 30:23-25

Zaburi 68:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «muryama mu mpongore.»

  • *

    Canke «inzahabu y’ibara ry’urwatsi rutoto rivanze n’iry’umuhondo.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2006, rup. 10

Zaburi 68:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

  • *

    Canke «ni nk’aho haciye hatangura kugwa urubura i Zalumoni.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:3; Yos 10:5, 10

Zaburi 68:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umusozi uhambaye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:33; Gus 3:8, 10

Zaburi 68:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ishaka kwiberako.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 11:5; Zb 48:2, 3; 132:13
  • +Gus 12:5, 6; 1Bm 9:3; Heb 12:22

Zaburi 68:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 6:16, 17; Mt 26:53
  • +Kv 19:23; Gus 33:2

Zaburi 68:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:7
  • +Ef 4:8, 11
  • +Gus 2:36; 7:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2010, rup. 18

    1/6/2006, rup. 10

    1/6/1999, rup. 21-22

Zaburi 68:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 55:22; 1Pt 5:6, 7

Zaburi 68:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 12:2; 45:17
  • +Gus 32:39

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2006, rup. 14

Zaburi 68:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bagendera mu caha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 55:23; Ezk 18:26

Zaburi 68:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:33

Zaburi 68:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 58:10

Zaburi 68:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 15:25, 28; Zb 24:7

Zaburi 68:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 15:16; Zb 87:7; 150:3
  • +Abc 11:34; 1Sm 18:6

Zaburi 68:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amashengero.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 95:6; Yes 44:2

Zaburi 68:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:27; 1Sm 9:21

Zaburi 68:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 138:8

Zaburi 68:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:10; 2Ng 32:23; Zb 72:10
  • +1Bm 6:1; 1Ng 16:1; Ezr 5:14

Zaburi 68:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko ahonyanga ifeza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 39:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2006, rup. 10

Zaburi 68:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «intumwa zizoza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 45:14; 60:5

Zaburi 68:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nimucurarangire.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:43

Zaburi 68:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 104:3

Zaburi 68:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu bicu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 96:7

Zaburi 68:35

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «hawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 47:2; 66:5
  • +Zb 29:11; Yes 40:29-31

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 68:1Gh 10:35; Zb 21:8
Zab. 68:2Nah 1:6
Zab. 68:3Zb 32:11
Zab. 68:4Yes 12:4
Zab. 68:4Kv 6:3
Zab. 68:5Yes 57:15
Zab. 68:5Kv 22:22-24; Gus 10:17, 18; Zb 10:14; 146:9
Zab. 68:6Zb 113:9
Zab. 68:6Yes 61:1
Zab. 68:6Gus 28:15, 23; Zb 107:33, 34
Zab. 68:7Kv 13:21
Zab. 68:8Zb 114:1, 4; Heb 12:26
Zab. 68:8Kv 19:18; Abc 5:4, 5
Zab. 68:10Gh 10:34
Zab. 68:11Kv 15:20; Abc 5:1; 11:34; 1Sm 18:6
Zab. 68:12Gh 31:25-27; Yos 10:12, 16; 12:7; Abc 5:19
Zab. 68:12Gh 31:27; 1Sm 30:23-25
Zab. 68:14Gh 21:3; Yos 10:5, 10
Zab. 68:15Gh 21:33; Gus 3:8, 10
Zab. 68:161Ng 11:5; Zb 48:2, 3; 132:13
Zab. 68:16Gus 12:5, 6; 1Bm 9:3; Heb 12:22
Zab. 68:172Bm 6:16, 17; Mt 26:53
Zab. 68:17Kv 19:23; Gus 33:2
Zab. 68:182Sm 5:7
Zab. 68:18Ef 4:8, 11
Zab. 68:18Gus 2:36; 7:22
Zab. 68:19Zb 55:22; 1Pt 5:6, 7
Zab. 68:20Yes 12:2; 45:17
Zab. 68:20Gus 32:39
Zab. 68:21Zb 55:23; Ezk 18:26
Zab. 68:22Gh 21:33
Zab. 68:23Zb 58:10
Zab. 68:241Ng 15:25, 28; Zb 24:7
Zab. 68:251Ng 15:16; Zb 87:7; 150:3
Zab. 68:25Abc 11:34; 1Sm 18:6
Zab. 68:26Zb 95:6; Yes 44:2
Zab. 68:27It 49:27; 1Sm 9:21
Zab. 68:28Zb 138:8
Zab. 68:291Bm 10:10; 2Ng 32:23; Zb 72:10
Zab. 68:291Bm 6:1; 1Ng 16:1; Ezr 5:14
Zab. 68:30Ezk 39:18
Zab. 68:31Yes 45:14; 60:5
Zab. 68:32Gus 32:43
Zab. 68:33Zb 104:3
Zab. 68:34Zb 96:7
Zab. 68:35Zb 47:2; 66:5
Zab. 68:35Zb 29:11; Yes 40:29-31
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 68:1-35

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo.

68 Imana nihaguruke, abansi bayo bashwiragire,

abayanka na bo bahunge bave imbere yayo+.

 2 Nubatumure nka kurya umwotsi ugururwa n’umuyaga.

Ababisha nibazimangane imbere y’Imana,

nka kurya ishashara rishonga imbere y’umuriro+.

 3 Ariko abagororotsi nibanezerwe+,

bahimbarwe cane imbere y’Imana,

bigine kubera umunezero.

 4 Nimuririmbire Imana, muririmbire amashemezo* izina ryayo+.

Nimuririmbire umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa* ari kw’ifarasi.

Yehova* ni ryo zina ryiwe+. Nimunezerwe imbere yiwe!

 5 Imana iba ahantu hayo heranda+.

Ni yo se w’impfuvyi kandi ni yo ikingira* abapfakazi+.

 6 Imana ituma abantu b’inyakamwe baronka aho baba+.

Ibohora imbohe maze igatuma zitunganirwa+.

Ariko intagondwa* zibwirizwa kuba mu gihugu kigadutse+.

 7 Ewe Mana, igihe wayobora* abantu bawe+,

igihe waca mu bugaragwa, (Sela*)

 8 isi yaranyiganyize+,

ijuru na ryo rirekura imvura* kubera Imana.

Uyu musozi Sinayi waratigise kubera Imana, Imana ya Isirayeli+.

 9 Ewe Mana, watumye hagwa imvura nyinshi,

utuma abantu bawe barushe bagarura agatege.

10 Babaye mu mahema yawe+.

Ewe Mana, kubera ubuntu* bwawe wararonkeje abakene ivyo bakeneye.

11 Yehova aratanga itegeko.

Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+.

12 Abami b’ingabo barahunga+, emwe barahunga!

Umugore yigumiye muhira araronka ku vyasahuwe+.

13 Naho mwahora muryama hagati y’imiriro mw’ikambi*,

muzotahukana inuma ifise amababa yakaka nk’ifeza,

n’amubi akayangana nk’inzahabu nzizanziza*.

14 Igihe Mushoboravyose yashwiragiza abami baho+,

haciye hagwa urubura* i Zalumoni*.

15 Umusozi w’i Bashani+ ni umusozi w’Imana*.

Umusozi w’i Bashani ni umusozi w’amasonga.

16 Mwa misozi y’amasonga, kubera iki murabana ishari

umusozi Imana yitoreye ngo ibeko*+?

Emwe, Yehova ni ho azokwibera ibihe vyose+.

17 Imikogote y’intambara y’Imana ni ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+.

Yehova yavuye i Sinayi maze yinjira ahantu heranda+.

18 Waduze iyo hejuru+,

ugenda ujanye imbohe.

Watwaye ingabire zigizwe n’abagabo+,

harimwo mbere n’intagondwa+, kugira ube muri bo, ewe Yehova* Mana!

19 Yehova nashemezwe, we atwikorerera umutwaro buri musi+,

ya Mana y’ukuri iturokora. (Sela)

20 Kuri twebwe, Imana y’ukuri ni Imana irokora+.

Umukama Segaba Yehova ni we adukiza urupfu+.

21 Emwe, Imana izomena umutwe abansi bayo.

Izomena agahanga abo bose baguma bakora ivyaha*+.

22 Yehova yavuze ati: «Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+.

Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga,

23 kugira muhonyore mu maraso y’abansi banyu+,

ururimi rw’imbwa zanyu na rwo runywe amaraso yabo.»

24 Ewe Mana, barabonye ingendo zawe,

ingendo z’Imana yanje ari yo Mwami wanje, zo kuja ahantu heranda+.

25 Imbere hari abaririmvyi, abacuraranzi bagakurikira+.

Hagati yabo hari abigeme bavuza utugoma+.

26 Nimushemeze Imana amasinzi* akoranye.

Nimushemeze Yehova mwebwe abakomoka kw’Isôko rya Isirayeli+!

27 Ng’urya umuryango mutoyi wa Benyamini+, umwe ubamara amanyama.

Abaganwa ba Yuda n’ishengero ryabo rivuza urwamo,

hamwe n’abaganwa ba Zabuloni n’aba Nafutali, na bo nyene barabamara amanyama.

28 Imana yawe yaravuze ko uzogira inkomezi.

Ewe Mana, niwerekane inkomezi zawe nk’uko wabitugiriye+.

29 Abami bazokuzanira ingabire+,

kubera urusengero rwawe ruri i Yeruzalemu+.

30 Nukankamire ibikoko vyo mw’ishamba biba mu marenga,

ubusho bw’impfizi+ hamwe n’inyana zazo,

gushika amahanga akwunamire azanye ifeza*.

Nusanzaze amahanga akunda intambara.

31 Ibikoresho vy’umujumpu bizoza* bivuye mu Misiri+.

Kushi izonyaruka gushikanira Imana ingabire.

32 Mwa bwami bwo kw’isi, nimuririmbire Imana+,

nimuririmbire amashemezo* Yehova, (Sela)

33 umwe agendera kw’ijuru riruta amajuru yose+ yo kuva kera na rindi.

Ijwi ryiwe rikomeye ng’iryo riraturagaye!

34 Nimwemere ko Imana ifise ububasha+.

Icubahiro cayo kiri kuri Isirayeli,

kandi ububasha bwayo buri mw’ijuru*.

35 Imana iratinyitse iri ahantu hayo* heranda hakomeye+.

Ni Imana ya Isirayeli,

imwe iha abantu inkomezi n’ububasha+.

Nimushemeze Imana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika