Samweli wa mbere
8 Samweli amaze gusaza, agena abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli. 2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli, uwa kabiri akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beri-Sheba. 3 Mugabo abo bahungu ntibakurikiye akarorero ka se. Bironderera itunga mu buryo bubi+, bakarya igiturire+, bakagoreka n’imanza+.
4 Mu nyuma abashingantahe bo muri Isirayeli bose bakoranira hamwe, baza kuraba Samweli i Rama. 5 Bamubwira bati: «Ehe raba washaje, kandi abahungu bawe ntibakurikiye akarorero kawe. Nugene rero umwami azoducira imanza nk’uko biri mu yandi mahanga yose+.» 6 Mugabo bibabaza Samweli* bavuze ngo abahe umwami wo kubacira imanza. Samweli aca asenga Yehova. 7 Maze Yehova abwira Samweli ati: «Niwumvirize ivyo bakubwira vyose kuko atari wewe banse, ahubwo ni jewe banse ngo sindababere umwami+. 8 Ivyo bariko baragira ni nk’ivyo bagize kuva umusi nabakura mu Misiri gushika n’uyu musi. Baguma bampeba+ bagasenga* izindi mana+, kandi nawe ni vyo bariko barakugirira. 9 Nukore rero ivyo bagusavye, ariko ubaburire ushimitse, bamenye ivyo umwami wabo azoba afise uburenganzira bwo kubasaba.»
10 Nuko Samweli abwira abariko bamusaba umwami ivyo Yehova yavuze vyose. 11 Ababwira ati: «Ng’ibi ivyo umwami wanyu azoba afise uburenganzira bwo kubasaba+: azofata abahungu banyu+ abazeze imikogote yiwe+, baje no mu bantu biwe bagendera ku mafarasi+. Bamwe muri bo bazoza bariruka imbere y’imikogote yiwe. 12 Azokwitorera abazoba abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000+ n’abatwara imigwi y’abantu 50+. Bamwe bazomurimira+, abandi bimbure umwimbu wiwe+, abandi na bo bakore ibirwanisho vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abajejwe gukora amavuta*, abateka n’abotsa imikate+. 14 Azotwara amatongo yanyu mezameza n’imirima yanyu y’imizabibu myizamyiza, n’imirima yanyu y’imyelayo* myizamyiza+, abihe abasuku biwe. 15 Ku ntete n’inzabibu muzokwimbura azotwara ic’icumi agihe abatware bo ku kirimba n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’inka zanyu nzizanziza, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu bikorwa vyiwe+. 17 Azotwara ic’icumi c’intama zanyu n’impene zanyu+, namwe mube abasuku biwe. 18 Hazogera igihe murira kubera umwami mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura.»
19 Ariko abantu banka kwumviriza Samweli, bavuga bati: «Ntaco, twishakira umwami nta kindi. 20 Tuzoheza tube nk’ayandi mahanga yose. Umwami wacu azoducira imanza, atuje imbere, aturwanire.» 21 Samweli amaze kwumva ibintu vyose abo bantu bavuze, aca aja kubibwira Yehova. 22 Yehova abwira Samweli ati: «Kora ivyo bagusavye, ugene umwami azobaganza+.» Samweli aca abwira Abisirayeli ati: «Umwe wese nasubire mu gisagara abamwo.»