Samweli wa mbere
22 Nuko Dawidi ava ng’aho+, ahungira mw’isenga ry’i Adulamu+. Benewabo n’abandi bose bo mu muryango wa se bavyumvise, bamusangayo. 2 Maze abantu bose bari bifitiye ingorane, abari bafise amadeni, n’abagendana imyidogo*, bose bakoranira kuri we, aba umukuru wabo. Bari abagabo nka 400.
3 Mu nyuma Dawidi ava ng’aho aja i Mizipe mu karere ka Mowabu+. Abwira umwami wa Mowabu ati: «Ndagusavye dawe na mawe babe barabanye namwe gushika menye ico Imana izongirira.» 4 Nuko abasigarana umwami wa Mowabu. Baguma babana na we imisi yose Dawidi yamaze mu buhungiro+.
5 Mu nyuma umuhanuzi Gadi+ abwira Dawidi ati: «Yaco uguma aho hantu wahungiye. Genda mu karere k’Ubuyuda+.» Nuko Dawidi aragenda, aja mu kibira ca Hereti.
6 Sawuli yumva ko hari ababonye Dawidi n’abagabo bari kumwe. Ico gihe Sawuli yari i Gibeya+ yicaye munsi y’igiti c’umwesheri cari hejuru ku gasozi. Yari afise icumu mu minwe, akikujwe n’abasuku biwe bose. 7 Maze Sawuli abwira abo basuku ati: «Ndabasavye muntege amatwi yemwe Babenyamini. Mbega mwibaza ko mwene Yese+ na we nyene azobaha mwese amatongo n’imirima y’imizabibu? Mwibaza ko mwese azobagira abakuru b’abasoda ibihumbi canke abakuru b’abasoda amajana+? 8 Mwese mwagiye inama yo kundwanya. Nta n’umwe yamenyesheje ko umuhungu wanje yagiranye isezerano na mwene Yese+. Nta n’umwe muri mwebwe anyumvira akagongwe. Nta n’umwe yambwiye yuko umuhungu nivyariye yoheje umusuku wanje ngo arondere ingene yongirira nabi. Ubu ariko arampiga.»
9 Dowegi+ wa Munyedomu, ari na we yari ahagarikiye abasuku ba Sawuli bari ng’aho, aca yishura+ ati: «Narabonye mwene Yese aza i Nobu kwa Ahimeleki mwene Ahitubu+. 10 Ahimeleki yaramuhanurije Yehova, amutekerera n’ibifungurwa. Yaramuhaye na ya nkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+.» 11 Umwami aca atumako Ahimeleki mwene Ahitubu umuherezi, n’abaherezi bose bo mu muryango wa se. Nuko bose bava i Nobu barenguka imbere y’umwami.
12 Sawuli rero avuga ati: «Ntega amatwi, yewe mwene Ahitubu.» Na we ati: «Ndaguteze yompi mwami.» 13 Sawuli amubwira ati: «Kubera iki wewe na mwene Yese mwagiye inama yo kundwanya? Kubera iki wamuhaye ibifungurwa* n’inkota, ukanamuhanuriza Imana, kandi ariko arandwanya arondera n’ingene yongirira nabi?» 14 Ahimeleki aca yishura umwami ati: «Mu basuku bawe bose, ni nde ari umwizigirwa nka Dawidi+? Ni umukwe wawe+ mwami akaba n’umukuru w’abacungera ubuzima bwawe, kandi arubahwa mu rugo rwawe+. 15 Erega ntiryari ryo rya mbere ndamuhanurije Imana+. Sinokwubahuka kukurwanya. Umwami ntanyiyumvire ukutari kwo jewe umusavyi wiwe n’abo mu muryango wa dawe bose, kuko ivyo ata na kimwe nari ndabiziko+.»
16 Mugabo umwami avuga ati: «Ntugenda udapfuye+ Ahimeleki, mwe n’abo mu muryango wa so bose+.» 17 Umwami aca ategeka abarinzi* bari iruhande yiwe ati: «Nimwice abaherezi ba Yehova kuko bagiye ku ruhande rwa Dawidi. Bari bazi yuko ariko arahunga, ariko ntibamenyesha ko bamubonye.» Mugabo abo basuku b’umwami banka kwica abaherezi ba Yehova. 18 Umwami aca abwira Dowegi+ ati: «Ica abo baherezi!» Ubwo nyene Dowegi Umunyedomu+ aca arabica. Uwo musi yica abaherezi* 85+. 19 Yongera yicisha inkota ababa i Nobu+ ca gisagara c’abaherezi. Yica abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’indogobwa n’intama.
20 Ariko Abiyatari+ umuhungu wa Ahimeleki mwene Ahitubu arabacika maze arahunga akurikira Dawidi. 21 Abiyatari abwira Dawidi ati: «Sawuli yishe abaherezi ba Yehova.» 22 Dawidi aca abwira Abiyatari ati: «Umusi naja kwa so nkahabona Dowegi Umunyedomu, naciye menya+ ko atazobura kubibwira Sawuli. Abo mu muryango wa so bose ni jewe bazize. 23 Gumana nanje. Ntutinye kuko uwo wese azorondera kukwica, na jewe azoba arondera kunyica. Nzogukingira+.»