Samweli wa mbere
28 Muri iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo ngo baje gutera Abisirayeli+. Akishi aca abwira Dawidi ati: «Urazi neza yuko wewe n’abantu bawe tuzojana ku rugamba+.» 2 Dawidi yishura Akishi ati: «Ntuzi none ko ndi umusavyi wawe? Urazi neza ico nzokora.» Akishi aca abwira Dawidi ati: «Ni co gituma ari wewe uzokwama urinda ubuzima bwanje*+.»
3 Samweli yari yarapfuye maze Abisirayeli bose baramuririra, bamuhamba i Rama ca gisagara yabamwo+. Nayo Sawuli yari yaratujije mu gihugu abakora ivyo guhanuza abapfuye* na ba rumenyi+.
4 Nuko Abafilisitiya bakoranira hamwe, baja gukambika i Shunemu+. Sawuli na we akoranya ingabo zose za Isirayeli bakambika i Gilibowa+. 5 Sawuli ngo abone ikambi y’Abafilisitiya, aratinya, umutima umuvamwo+. 6 Naho Sawuli yahanuza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura, vyaba biciye mu ndoto canke kuri Urimu*+ canke ku bahanuzi. 7 Amaherezo Sawuli abwira abasuku biwe ati: «Nimundonderere umugore akora ivyo guhanuza abapfuye+, nje kumusiguza.» Abasuku biwe bamwishura bati: «Urazi? Hari umugore abikora i Eni-Dori+.»
8 Sawuli aca yambara izindi mpuzu kugira yiyoberanye maze atora abagabo babiri aja kuraba uwo mugore mw’ijoro. Sawuli amubwira ati: «Ndagusavye ukoreshe ububasha bwawe bwo guhanuza abapfuye+ umenyeshe ibizoba, umpamagarire uwo nkubwira.» 9 Ariko nya mugore amubwira ati: «Ntuzi ko Sawuli yatujije mu gihugu abakora ivyo guhanuza abapfuye na ba rumenyi+? Kubera iki none ushaka kuntega umutego? Ushaka kunyicisha+?» 10 Sawuli aca amurahira Yehova ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, nta caha uzokwagirizwa muri ivyo.» 11 Uwo mugore aca avuga ati: «Ndaguhamagarire nde?» Na we ati: «Mpamagarira Samweli.» 12 Nya mugore abonye «Samweli*+», akoma induru nyinshi abwira Sawuli ati: «Kubera iki wampenze? Uri Sawuli!» 13 Umwami amubwira ati: «Ntutinye. None ubonye iki?» Uwo mugore amwishura ati: «Mbonye ikintu kimeze nk’imana kiduga kiva mu kuzimu.» 14 Sawuli aca amubaza ati: «Gisa gute?» Na we ati: «Mbona hariko haduga umutama yambaye impuzu itagira amaboko+.» Sawuli aca amenya yuko ari «Samweli» maze aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi.
15 Nuko «Samweli» abwira Sawuli ati: «Kubera iki umbuza amahoro? Umpamagariye iki?» Sawuli amwishura ati: «Ndakomerewe. Abafilisitiya banteye kandi Imana yarampevye ntikinyishura, vyaba biciye ku bahanuzi canke mu ndoto+. Ni co gituma ndaguhamagaye ngo umbwire ico nokora+.»
16 «Samweli» na we ati: «Umbariza iki none kandi Yehova yaraguhevye+, akaba asigaye akurwanya? 17 Yehova azokora ivyo yavuze biciye kuri jewe: Yehova azokwaka ubwami abuhe uwundi muntu, ni ukuvuga Dawidi+. 18 Ko utagamburukiye Yehova ngo uhonye Abamaleki+ bari bamuteye ishavu rikaze, ni co gituma Yehova akugiriye ivyo uyu musi. 19 Kandi wewe n’Abisirayeli, Yehova azoreka mutsindwe n’Abafilisitiya+. Ejo wewe+ n’abahungu bawe+ muzoba muri kumwe nanje kandi Yehova azoreka ingabo z’Abisirayeli zitsindwe n’Abafilisitiya+.»
20 Sawuli aca agwa hasi arambaraye. Agira ubwoba bwinshi kubera ivyo «Samweli» amubwiye. Nta nguvu yari agifise kubera yari yaburaye yongera arabwirirwa. 21 Uwo mugore yegera Sawuli, abona ko yataye umutwe. Nuko amubwira ati: «Jewe umusavyi wawe nakwumviye, nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, nkora ivyo wansavye. 22 Ndagusavye rero nanje unyumvirize. Reka nguhe utwo ufungura kugira ugarure agatege, uheze ufate urugendo.» 23 Mugabo aranka, avuga ati: «Sindya.» Ariko abasuku biwe na nya mugore baguma bamwinginga, arateba arabumvira. Ava hasi yicara ku buriri. 24 Uwo mugore yari afise muhira iwe inyana ivyibushe. Aca arayikerera* ningoga maze afata n’ifu akora igikandu, agikoramwo imikate itarimwo umwambiro. 25 Araheza abizimana Sawuli n’abasuku biwe, bararya. Bahejeje baca barahaguruka baragenda muri iryo joro+.