53 Ni nde yizeye ivyo yatwumvanye+?
Ukuboko kwa Yehova+ kwokwo, ni nde kwahishuriwe+?
2 Azoduga nk’agashami+ imbere yiwe, nk’umuzi mu gihugu kigadutse.
Nta bwiza butangaje afise, eka nta n’ubwiza buhebuje afise+.
Kandi tumubonye, ukuntu asa ntigutuma tumushima.
3 Abantu baramusuzugura, bakamwinuba+.
Yari umuntu agenewe gushikirwa n’imibabaro, kandi azi indwara ico ari co.
Wamenga mu maso hiwe hari hanyegejwe ntituhabone.
Yarasuzugurwa, tukamubona nk’aho ata co amaze+.
4 Vy’ukuri, we ubwiwe yarikoreye indwara zacu+,
yiremeka imibabaro yacu+.
Mugabo twamubona nk’uwatejwe ivyago, nk’uwakubiswe n’Imana, nk’uwatejwe amarushwa.
5 Mugabo yaracumiswe+ azira ibicumuro vyacu+.
Yarajanjaguwe azira amakosa yacu+.
Yaremeye guhanwa kugira turonke amahoro+,
kandi kubera ibikomere vyiwe twarakize+.
6 Twese twari twarazimiye nk’intama+,
umwe wese ajana inzira yiwe,
kandi Yehova yamuremetse ikosa ryacu twese+.
7 Yaracinyizwa+, akemera gutezwa amarushwa+,
ariko ntakureko umunwa.
Yazanywe nk’intama igiye kubagwa+,
nk’intama y’ingore yinumiye imbere y’abayimwa ubwoya,
ntakureko umunwa+.
8 Yaracinyijwe, bamukuraho bamuciriye urwa ngondagonde.
Ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe?
Kuko yakuwe mu gihugu c’abazima+.
Yarakubiswe azira ibicumuro vy’abantu banje+.
9 Naho ata kosa yari yarakoze
kandi mu kanwa kiwe ntihaboneke ububeshi+,
yahawe imva mu babisha+,
ahambwa mu batunzi+.
10 Mugabo Yehova ni we yashatse kumujanjagura, kandi yaramuretse ararwara.
Niwatanga ubuzima bwiwe nk’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+,
azobona uruvyaro rwiwe, arambe+.
Biciye kuri we, ivyo Yehova agomba bizoranguka+.
11 Niyamara kubabazwa, azohimbarwa n’ivyo abonye.
Biciye ku vyo umusavyi wanje agororotse yize+,
azotuma abantu benshi babonwa ko bagororotse+,
kandi amakosa yabo azoyikorera+.
12 Ni co gituma nzomuha umugabane muri benshi,
kandi azogabangana isahu n’abanyabubasha,
kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+,
agaharurwa mu bacumuzi+.
Yikoreye igicumuro c’abantu benshi+,
aburanira abacumuzi+.