Zakariya
9 Ibi ni vyo Imana imenyesheje:
«Ng’ubu ubutumwa bwa Yehova bwerekeye igihugu ca Haduraki,
kuko Yehova ashinze ijisho abantu+
n’imiryango yose ya Isirayeli.
3 Ab’i Tiro biyubakiye igihome*.
Barunze ifeza nk’umukungugu,
barunda inzahabu nk’urwondo rwo mu mabarabara+.
4 Raba! Yehova azobaka ivyo batunze,
ahonereze ingabo zabo mu kiyaga*+.
Ico gisagara kizotikizwa n’umuriro+.
5 Ab’i Ashikeloni bazobibona batinye.
Ab’i Gaza bazogira intuntu nyinshi.
N’ab’i Ekuroni ni ukwo, kuko ico bari bizigiye camaramaye.
Umwami azozimangana i Gaza,
kandi i Ashikeloni nta wuzohaba+.
7 Nzokura mu kanwa k’Umufilisitiya ibintu vyandujwe n’amaraso,
ndamukure mu menyo ibintu bisesemye,
kandi abiwe bazosigara bazoba ab’Imana yacu.
Azoba nk’umutware* mu Buyuda+,
ab’i Ekuroni bamere nk’Abayebusi+.
8 Nzokambika ndinde inzu yanje*+,
ku buryo ata wuzohaca canke ahagaruke.
Nta wukoresha abandi ibikorwa* azosubira kuhaca+,
kuko ubu ndavyiboneye* n’amaso yanje.
9 Nezerwa cane mukobwa wa Siyoni.
Niwihe akaruru k’intsinzi mukobwa wa Yeruzalemu.
Raba! Umwami wawe araje iwawe+.
10 Nzokura muri Efurayimu imikogote y’intambara,
nkure n’amafarasi i Yeruzalemu.
Imiheto y’urugamba izokurwaho.
Amahanga azoyatangariza amahoro+.
Azoganza kuva ku kiyaga gushika ku kindi,
11 Nayo wewe ga mugore, biciye ku maraso y’isezerano wagize,
abantu bawe bagizwe imbohe nzobakura mu cobo kitarimwo amazi+.
12 Yemwe mbohe zifise icizigiro+, nimugaruke ahantu hakingijwe ibihome bikomeye.
Uyu musi ndakubwiye nti:
“Ewe wa mugore, nzokwishura imigabane ibiri+.
13 Nzofora Ubuyuda* nk’umuheto wanje.
Nzoshira Efurayimu ku muheto nk’umwampi,
mpagurutse abana bawe, ewe Siyoni,
barwanye abana bawe, ewe Bugiriki.
Nzokugira nk’inkota y’umurwanyi, ewe Siyoni.”
14 Yehova azoboneka hejuru yabo,
kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo.
Umukama Segaba Yehova azovuza inzamba+,
ajane n’ibihuhusi vyo mu bumanuko.
16 Kuri uwo musi, Yehova Imana yabo azobakiza,
akize ubusho bwiwe, abantu biwe+.
Bazoba nk’amabuye y’agaciro yo ku rugori, aca ibibatsi ku butaka bwiwe+.
Intete zizotuma imisore ikomera,
umuvinyu mushasha utume abigeme b’isugi bakomera+.»