ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zakariya 11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zakariya: ibirimwo

      • Ingaruka zo kwanka umwungere w’ukuri w’Imana (1-17)

        • «Ragira intama zigenewe gukererwa» (4)

        • Inkoni zibiri: Gikundiro na Bumwe (7)

        • Impembo y’umwungere: ibiceri 30 vy’ifeza (12)

        • Ayo mahera atererwa mu bubiko bw’itunga (13)

Zakariya 11:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Zakariya 11:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 34:8

Zakariya 11:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:25
  • +Neh 5:8
  • +Ezk 34:2, 4

Zakariya 11:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 11:4
  • +Zk 11:10, 14

Zakariya 11:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 11:7

Zakariya 11:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bampimira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 26:14, 15; 27:9; Mr 14:10, 11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2011, rup. 13

    1/12/2010, rup. 10

Zakariya 11:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 21:32
  • +Mt 27:5, 6; Ivk 1:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2011, rup. 13

Zakariya 11:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 11:7
  • +1Bm 12:19, 20; Ezk 37:16

Zakariya 11:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 34:2, 4

Zakariya 11:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:2; Ezk 34:6; Mt 9:36
  • +Ezk 34:21
  • +It 31:38
  • +Ezk 34:3, 10

Zakariya 11:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ryijime.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:1; Mt 23:13
  • +Yoh 10:12

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zak. 11:4Ezk 34:8
Zak. 11:5Ezk 22:25
Zak. 11:5Neh 5:8
Zak. 11:5Ezk 34:2, 4
Zak. 11:7Zk 11:4
Zak. 11:7Zk 11:10, 14
Zak. 11:10Zk 11:7
Zak. 11:12Mt 26:14, 15; 27:9; Mr 14:10, 11
Zak. 11:13Kv 21:32
Zak. 11:13Mt 27:5, 6; Ivk 1:18
Zak. 11:14Zk 11:7
Zak. 11:141Bm 12:19, 20; Ezk 37:16
Zak. 11:15Ezk 34:2, 4
Zak. 11:16Yr 23:2; Ezk 34:6; Mt 9:36
Zak. 11:16Ezk 34:21
Zak. 11:16It 31:38
Zak. 11:16Ezk 34:3, 10
Zak. 11:17Yr 23:1; Mt 23:13
Zak. 11:17Yoh 10:12
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zakariya 11:1-17

Zakariya

11 «Ewe Libani, ugurura imiryango yawe,

kugira ngo umuriro uturire amasederi yawe.

 2 Boroga wa giti c’umuberoshi we, kuko isederi itemvye.

Ibiti bikomakomeye vyahonejwe.

Nimuboroge yemwe biti vy’imyeloni vy’i Bashani,

kuko ya mashamba azitanye yahonye.

 3 Umva ukuboroga kw’abungere,

kuko icubahiro cabo giheze.

Umva ukuroha kw’intambwe z’imikangara*,

kuko vya bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani vyatikijwe.

4 Yehova Imana yanje avuze ati: “Ragira intama zigenewe gukererwa+. 5 Bene kuzigura barazikerera+, ntibaharurweko icaha. Abazigurisha+ na bo bavuga ngo: ‘Yehova ashemezwe kuko ngiye gutunga.’ Abungere bazo nta mpuhwe bazigirira+.”

6 Yehova avuze ati: “Sinzosubira kugirira impuhwe ababa mu gihugu. Nzotuma rero umwe wese agwa mu maboko ya mugenziwe no mu maboko y’umwami wiwe. Bazotikiza igihugu, kandi nta we nzorokora ngo ndamukure mu maboko yabo.”»

7 Nuko ntangura kuragira intama zigenewe gukererwa+, ndabigira ku bwanyu, yemwe ntama zigorewe zo mu busho. Ndaheza ntora inkoni zibiri. Imwe ndayita Gikundiro, iyindi na yo ndayita Bumwe+, maze ntangura kuragira intama. 8 Mu kwezi kumwe nirukanye abungere batatu, kuko ntari ngishobora kubihanganira, na bo bakaba baranyanka. 9 Maze mvuga nti: «Simbandanya kubaragira. Uwupfa napfe, uwuhona ahone. Abasigaye na bo nibamarane, umwe wese arye inyama za mugenziwe.» 10 Ntora rero inkoni yanje Gikundiro+ ndayivuna, nica isezerano nagiranye n’abantu bose. 11 Nuko kuri uwo musi rirahagarara, maze intama zigorewe zariko ziranyitegereza zimenya ko bwari ubutumwa buvuye kuri Yehova.

12 Maze mbwira abantu nti: «Mubishimye nimumpembe, mutabishimye na ho mureke.» Baca bampemba* ibiceri 30 vy’ifeza+.

13 Yehova aca ambwira ati: «Iyo ni yo mpembo y’agahebuza babonye ko dukwiranye+? Yiterere mu bubiko bw’itunga.» Nuko ntora ivyo biceri 30 vy’ifeza, ndabiterera mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+.

14 Maze mvuna inkoni yanje igira kabiri, ari yo Bumwe+, nsenyura ubucuti buri hagati y’Ubuyuda na Isirayeli+.

15 Yehova ambwira ati: «Niwironse rero ibikoresho vy’umwungere ata co amaze+. 16 Kuko ngira ndeke haze umwungere mu gihugu. Ntazokwitaho intama ziriko zirahona+. Ntazorondera imyagazi canke ngo avure izakomeretse+ canke ngo agaburire izigishobora guhagarara. Ahubwo azorya inyama z’intama zivyibushe+, atabagure ibinono vy’intama+.

17 Aragowe umwungere wanje ata co amaze+, ata intama+!

Inkota izokubita ukuboko kwiwe n’ijisho ryiwe ry’iburyo.

Ukuboko kwiwe kuzonyunyuka kwose

n’ijisho ryiwe ry’iburyo rihume ridegere*.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika