Daniyeli
9 Mu mwaka wa mbere wa Dariyo+ mwene Ahasuwerusi wo mu muryango w’Abamedi, uwari yimitswe ngo aganze ubwami bw’Abakaludaya+, 2 mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, jewe Daniyeli, mfatiye ku vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya, naratahuye biciye ku bitabu* igitigiri c’imyaka Yeruzalemu yomaze ari umusaka+, ni ukuvuga imyaka 70+. 3 Naciye nitura Yehova Imana y’ukuri, ndamutakambira mw’isengesho, ndisonzesha+, ndambara amagunira nongera nisiga iminyota. 4 Nuko nsenga Yehova Imana yanje, ndamwaturira ibicumuro vyacu nti:
«Ewe Yehova Mana y’ukuri, wewe uhambaye kandi uteye akoba, wewe ushitsa ivyo wasezeranye ukongera ukereka urukundo*+ abagukunda bakubahiriza amabwirizwa yawe+, 5 twaracumuye, dukora ibitari vyo, dukora ivy’ububisha twongera turagarariza+. Twarahevye amabwirizwa yawe n’ingingo washinze. 6 Ntitwumvirije abasavyi bawe b’abahanuzi+, abo watumye mw’izina ryawe ngo baburire abami bacu, abaganwa bacu, ba sokuruza bacu n’abanyagihugu bose. 7 Ewe Yehova, wewe uragororotse, ariko twebwe twuzuye ibimaramare* nk’uko biri uyu musi, twe n’ababa mu Buyuda, ababa i Yeruzalemu n’Abisirayeli bose, ababa hafi n’ababa kure, mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera baguhemukiye+.
8 Ewe Yehova, twebwe twuzuye ibimaramare, twe n’abami bacu, abaganwa bacu na ba sokuruza bacu, kubera twagucumuyeko. 9 Ewe Yehova Mana yacu, wuzuye imbabazi n’ikigongwe+ naho twakugararije+. 10 Ntitwagamburutse ijwi rya Yehova Imana yacu. Ntitwakurikije amategeko yaduhaye biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi+. 11 Abisirayeli bose bararenze ku mategeko yawe, baraguheba, banka kukugamburukira. Waciye udushitsako umuvumo n’indahiro vyanditswe mu mategeko ya Musa umusavyi w’Imana y’ukuri+, kuko twagucumuyeko. 12 Warashikije ivyo wari waravuze ko uzodukorera+, twe n’abatware bahoze badutwara*, mu kutuzanako ivyago bikomeye. Munsi y’ijuru, nta vyago nk’ivyashikiye Yeruzalemu vyari bwigere bibaho+. 13 Ivyo vyago vyose vyaradushitseko+ nk’uko nyene vyanditswe mu mategeko ya Musa, ariko ntitwagutakambiye ngo utugirire ubuntu, ewe Yehova Mana yacu. Ntitwahevye amakosa yacu+ canke ngo turondere gutahura ukuri* kwawe.
14 Yehova rero yagumye avyitegereza, araheza atuzanako ivyago, kuko Yehova Imana yacu agororotse mu vyo akora vyose. Ariko ntitwamugamburukiye+.
15 Ewe Yehova Mana yacu, wewe wakuye abantu bawe mu Misiri ukoresheje ukuboko kwawe gukomeye+ kandi ukihesha izina rihambaye gushika uyu musi+, twaracumuye kandi twakoze ivy’ububisha. 16 Ewe Yehova, wisunze ibikorwa vyawe vyose bigororotse+, turagusavye ukure ishavu ryawe n’uburake bwawe ku gisagara cawe Yeruzalemu, umusozi wawe mweranda. Kubera ibicumuro vyacu n’amakosa ya ba sogokuruza bacu, Yeruzalemu n’abantu bawe bisigaye ari akamenyo ku badukikuje bose+. 17 Ewe Mana yacu, niwumvirize isengesho ry’umusavyi wawe n’ugutakamba kwiwe, maze usubire kuraba ryiza aheranda hawe+ hasigaye ari umusaka+, ubigire ku bw’izina ryawe, ewe Yehova! 18 Ewe Mana yanje, tega ugutwi wumvirize! Itegereze urabe ingene igisagara citirirwa izina ryawe gisigaye ari umusaka. Ntituriko tugutakambira kubera turi abagororotsi, ahubwo ni kubera imbabazi zawe nyinshi+. 19 Ewe Yehova, nutwumvirize! Ewe Yehova, nutubabarire+! Ewe Yehova, nudutege ugutwi maze udufashe! Ewe Mana yanje, ntutebe ku bw’izina ryawe, kuko igisagara cawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe+.»
20 Nkiriko ndavuga, nsenga nongera natura igicumuro canje n’ic’ihanga ryanje rya Isirayeli, nkiriko ndasaba Yehova Imana yanje ngo agirire ubuntu umusozi mweranda w’Imana yanje+, 21 emwe nkiriko ndasenga, nagiye mbona wa mugabo Gaburiyeli+ aza aho ndi, umwe nari nabonye mw’iyerekwa+, asanga narushe nasanzaye. Hari nko mu gihe co gutanga ishikanwa ryo ku mugoroba. 22 Aca arampa insobanuro, ambwira ati:
«Ewe Daniyeli, nzanywe no kukuronsa ugutahura no kugufasha gutegera ibigiye kuba. 23 Ugitangura gutakamba, naciye ndonka ubutumwa, none nje kubugushikiriza kuko uri umuntu akundwa cane*+. Ubu rero nutege ugutwi, kandi utahure insobanuro y’ivyo weretswe.
24 Amayinga* 70 ni yo yashingiwe ihanga ryawe n’igisagara cawe ceranda+, kugira amakosa n’ibicumuro birangire+, kugira ivyaha bitangirwe impongano+, kugira haze ubugororotsi bwamaho+, kugira iyerekwa n’ubuhanuzi* vyemezwe+ no kugira aheranda cane* harobanurwe*. 25 Ukwiye kumenya kandi ugatahura ko kuva hasohotse itegeko ryo kunagura no gusubira kwubaka Yeruzalemu+ gushika kuri Mesiya*+ Indongozi+, hazoca amayinga 7 n’ayandi 62+. Hazonagurwa kandi hasubire kwubakwa, hashirweho ikibanza rusangi* n’umuserege uhakikuje, mugabo hazoba ari mu bihe bitoroshe.
26 Inyuma y’ayo mayinga 62, Mesiya azokurwaho*+ ata na kimwe asize+.
Kandi ingabo z’umutware ariko araza zizosambura ico gisagara n’ikibanza ceranda+. Iherezo ryaho rizozanwa n’isegenya, kandi hazoba intambara gushika kw’iherezo. Imana yashinze ko hazohinduka umusaka+.
27 Azotuma isezerano ryagizwe ku bwa benshi riguma rikora mu kiringo c’indwi imwe, kandi iyo ndwi niyashika hagati azokuraho ibimazi n’amashikanwa+.
Uwuteza agatikizo+ azoza ari ku mababa y’ibintu bisesemye, kandi ivyapfunditswe bizosukwa no ku watikijwe, gushika aherengeteye.»