Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi, igihe yari mu bugaragwa bwo mu Buyuda+.
63 Ewe Mana, uri Imana yanje, ni wewe nguma ndondera+.
Ndakunyotewe cane+.
Umubiri wanje uragoyagoya kubera ndakwipfuza cane
ndi muri iki gihugu cumye kandi kigadutse, kitagira amazi+.
4 Nzoguhezagira rero ubuzima bwanje bwose,
kandi nzoduza amaboko yanje mw’izina ryawe.
5 Ndahaze nk’uwuriye igihimba ciza kuruta ibindi kandi kinuze*.
Ni co gituma akanwa kanje kazogushemeza, iminwa yanje ikakuririmbira+.
9 Abarondera kunyaka ubuzima
bazomanuka epfo mu kuzimu.
10 Bazomarwa n’ubugi bw’inkota,
baribwe n’imbwebwe.
11 Ariko umwami azonezerwa n’ivyo Imana izomukorera.
Umuntu wese arahira mw’izina ryayo azohimbarwa*,
kuko akanwa k’abavuga ibinyoma kazozibwa.