Zaburi
3 Kuko azogukiza umutego w’umuhigi w’inyoni
hamwe n’ikiza gitema kigatongora.
Ukudahemuka kwiwe+ kuzokubera inkinzo yagutse+ n’igihome kigukingira.
5 Ntuzotinya ibintu bigutera ubwoba mw’ijoro+,
canke umwampi uguruka ku murango+,
6 canke ikiza kigendagenda mu mwiza,
canke agatikizo gasasika inganda ku mutaga.
7 Abantu igihumbi bazogwa iruhande yawe,
ibihumbi cumi na bo iburyo bwawe,
ariko wewe nta na kimwe uzoba+.
8 Ababisha nibahanwa
uzovyibonera n’amaso yawe.
9 Ko wavuze uti: «Yehova ni ubuhungiro bwanje»,
14 Imana yavuze iti: «Ko yankunze*, nanje nzomurokora+.
Nzomukingira kuko azi* izina ryanje+.
15 Azontabaza, nanje ndamwishure+.
Nzobana na we mu bihe vy’ivyago+.
Nzomutabara kandi ndamuninahaze.