Esiteri
10 Umwami Ahasuwerusi yarategetse ko abantu bo mu gihugu n’ababa mu mazinga yo mu kiyaga bakora ibikorwa vy’agahato.
2 Ibintu vyose bikomeye yakoze, ububasha yerekanye n’ido n’ido ry’ubukuru umwami yahaye Morudekayi+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe+ c’abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+. 3 Uwo Muyuda Morudekayi yagira kabiri ku mwami Ahasuwerusi. Yari umuntu ahambaye* mu Bayuda kandi benewabo bose uko ari isinzi baramwubaha. Yaharanira ineza y’abo mw’ihanga iwabo, akarondera n’ineza y’ababakomotseko* bose.