Esiteri
6 Muri iryo joro umwami abura itiro*. Ategeka rero ko bazana igitabu canditswemwo ivyabaye muri ivyo bihe+, maze barakimusomera. 2 Basanga muri ico gitabu handitswemwo ivyo Morudekayi yari yarahishuye ku vyerekeye Bigitana na Tereshi, ba barinzi babiri b’imiryango bo ku kirimba c’umwami barondera kwica umwami* Ahasuwerusi+. 3 Umwami aca abaza ati: «Morudekayi yoba yaratewe iteka canke ngo ashimirwe ku bw’ico kintu yakoze?» Abakozi bo ku kirimba* bakorera imbere y’umwami bamwishura bati: «Nta kintu na kimwe yagiriwe.»
4 Mu nyuma umwami avuga ati: «Ni nde ari mu kigo?» Ico gihe Hamani yari ku kirimba mu kigo c’inyuma+, aje kubwira umwami ibijanye no kumanika Morudekayi ku giti yari yamuteguriye+. 5 Ba bakozi bakorera umwami bamubwira bati: «Hamani+ ni we ari mu kigo.» Umwami aca avuga ati: «Niyinjire.»
6 Hamani yinjiye, umwami amubaza ati: «Umuntu umwami yipfuza gutera iteka bomukorera iki?» Hamani aca yibwira mu mutima ati: «Hari uwundi umwami yokwipfuza gutera iteka atari jewe+?» 7 Hamani rero yishura umwami ati: «Umuntu umwami yipfuza gutera iteka, 8 nibamuzanire impuzu+ umwami yambara n’ifarasi umwami agenderako. Bayizane bayambitse urugori* rwa cami ku mutwe. 9 Iyo mpuzu y’umwami n’iyo farasi bace babiha umwe mu batware b’umwami b’abanyacubahiro, maze wa muntu umwami yipfuza gutera iteka bayimwambike, baheze bamutembereze kuri iyo farasi mu kibanza rusangi c’igisagara. Bagende barasemerera imbere yiwe bati: “Uku ni ko bagirira umuntu umwami yipfuza gutera iteka+.”» 10 Umwami aca abwira Hamani ati: «Tora rero ningoga iyo mpuzu n’iyo farasi, maze ivyo nyene uvuze ubigirire wa Muyuda Morudekayi yicaye kw’irembo ry’i bwami. Mu vyo uvuze vyose ntihagire na kimwe udakora.»
11 Hamani aca atora iyo mpuzu n’iyo farasi, yambika Morudekayi+ maze amutembereza mu kibanza rusangi c’igisagara, agenda arasemerera imbere yiwe ati: «Uku ni ko bagirira umuntu umwami yipfuza gutera iteka.» 12 Inyuma y’ivyo Morudekayi asubira kw’irembo ry’i bwami. Mugabo Hamani anyaruka gusubira iwe, ababaye cane, yitwikiriye umutwe. 13 Hamani aca yiganira umugore wiwe Zereshi+ n’abagenzi biwe bose ivyamushikiye vyose. Abajanama* biwe n’umugore wiwe Zereshi baca bamubwira bati: «Morudekayi atanguye kugutsinda. Nimba akomoka mu Bayuda* ntuzomunesha, ahubwo ni wewe uzoneshwa ata kabuza.»
14 Bakiriko baravugana, abakozi bo ku kirimba bakorera umwami barashika hanyuma batwara Hamani ningoga ku nzimano Esiteri yari yateguye+.