ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Esiteri: ibirimwo

      • Inzimano z’umwami Ahasuwerusi i Shushani (1-9)

      • Umwamikazi Vashiti agambarara (10-12)

      • Umwami ahanuza inkerebutsi ziwe (13-20)

      • Itegeko ry’umwami rirungikwa (21, 22)

Esiteri 1:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Vyiyumvirwa ko ari Zerusi wa mbere, umuhungu wa Dariyo mukuru (Dariyo Isitasipo).

  • *

    Canke «Kushi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 8:9; Dn 6:1

Esiteri 1:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 4:9; Neh 1:1; Dn 8:2

Esiteri 1:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 1:2
  • +Yes 21:2; Yr 51:11; Dn 5:28

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 1:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 1:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

  • *

    Ubusitani ni umurima uteyemwo ibiti n’amashurwe.

  • *

    Canke «bwo ku kirimba.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 1:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

  • *

    Canke «amabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.

  • *

    Canke «amabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.

Esiteri 1:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu vyombo.»

Esiteri 1:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «babuza.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 1:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:12; 2:1, 17

Esiteri 1:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 7:9

Esiteri 1:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igisharizo c’umwamikazi.»

Esiteri 1:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 1:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bari bazi ingene ibintu bitunganywa.» Mu giheburayo havuga ngo «bari bazi ibihe.»

Esiteri 1:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 7:14

Esiteri 1:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:12

Esiteri 1:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 8:8; Dn 6:8

Esiteri 1:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu ndome zayo.»

  • *

    Canke «ari umuganwa.»

  • *

    Bishobora kuba bisigura ko ururimi rw’umugabo ari rwo bategerezwa kuvuga mu muryango, mu gihe urw’umugore rwaba rutandukanye n’urw’umugabo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 3:12, 14

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Est. 1:1Est 8:9; Dn 6:1
Est. 1:2Ezr 4:9; Neh 1:1; Dn 8:2
Est. 1:3Ezr 1:2
Est. 1:3Yes 21:2; Yr 51:11; Dn 5:28
Est. 1:9Est 1:12; 2:1, 17
Est. 1:10Est 7:9
Est. 1:14Ezr 7:14
Est. 1:16Est 1:12
Est. 1:19Est 8:8; Dn 6:8
Est. 1:22Est 3:12, 14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Esiteri 1:1-22

Esiteri

1 Ng’ibi ivyabaye mu misi ya Ahasuwerusi*, ni ukuvuga Ahasuwerusi umwe yaganza intara 127+, kuva mu Buhindi gushika muri Etiyopiya*. 2 Ico gihe umwami Ahasuwerusi yaganza ari ku kirimba* i Shushani*+. 3 Mu mwaka ugira gatatu aganza, yarateretse inzimano abatware biwe bose n’abantu biwe bose b’abakuru. Ingabo z’Ubuperesi+ n’Ubumedi+, abanyacubahiro n’abatware bo mu ntara zitandukanye, na bo nyene ni ho bari. 4 Yamaze imisi myinshi, imisi 180, abereka ubutunzi bwo mu bwami bwiwe buhambaye n’iteka be n’icubahiro gikomeye afise. 5 Iyo misi irangiye, umwami amara imisi indwi ateretse inzimano abantu bose, yaba umuto canke uwuhambaye. Bari ku kirimba* i Shushani*, mu kigo c’ubusitani* bw’inzu* y’umwami. 6 Hari hasharijwe n’ibitambara vyera, ivyo mw’ipampa ryiza n’ivy’ubururu, bifashwe n’imigozi yo mu gitambara ciza no mu bwoya busa n’umuyugubwe*. Vyenena ku tuntu tumeze nk’impeta two mw’ifeza dufashe ku nkingi z’amabuye meza cane*. Hari n’intebe zimeze nk’uburiri zikozwe mu nzahabu n’ifeza, ziteretse ahantu hashashe amabuye atukura, amabuye meza cane* yera n’ayirabura n’ayandi mabuye azimvye.

7 Umuvinyu bawutanga mu bikombe* vy’inzahabu kandi nta gikombe casa n’ikindi. Umwami yatanze umuvinyu mwinshi cane kuko yari afise uburyo. 8 Umwami yari yashinze ko ata we bahatira* kunywa. Yari yabwiye abakozi bo ku kirimba iwe ngo umuntu wese agire uko ashatse.

9 Umwamikazi Vashiti+ na we nyene yari yateretse inzimano abagore ku kirimba* c’umwami Ahasuwerusi.

10 Ku musi ugira indwi, umwami aryohewe kubera akavinyu kamaze kumushika, atuma Mehumani, Bizita, Harubona+, Bigita, Abagita, Zetari na Karikasi. Bari abakozi indwi bo ku kirimba bakorera imbere y’umwami Ahasuwerusi. 11 Abatuma ngo bazane umwamikazi Vashiti imbere yiwe yambaye igitambara c’umwamikazi bazingira mu mutwe*, kugira yereke ubwiza bwiwe abantu bo mu mahanga atandukanye n’abatware bari ng’aho, kuko yari mwiza cane. 12 Mugabo umwamikazi Vashiti aguma yanka kuza, kandi umwami yari yabimutegetse biciye kuri ba bakozi bo ku kirimba. Umwami aca arashavura cane ku buryo ishavu ryiwe ryaka nk’umuriro.

13 Umwami avugana rero n’abantu b’inkerebutsi bazi ingene imanza nk’izo zaciwe muri kahise*. (Ukwo ni ko ibibazo vy’umwami vyashikirizwa abahinga mu vy’amategeko no mu vy’imanza. 14 Abishikira b’umwami bari Karishena, Shetari, Adumata, Tarushishi, Meresi, Marisena na Memukani. Bari abatware indwi+ bo mu Buperesi n’Ubumedi bishikira ku mwami, bakaba bari bafise ikibanza gikomeye mu bwami.) 15 Umwami ababaza ati: «Twisunze amategeko, umwamikazi Vashiti tumugire dute ko yagararije ivyo jewe umwami Ahasuwerusi namutegetse biciye ku bakozi bo ku kirimba?»

16 Memukani aca avugira imbere y’umwami n’abatware ati: «Mwami Ahasuwerusi, si wewe gusa umwamikazi Vashiti yagiriye nabi+. Yagiriye nabi n’abatware bose n’abantu bose bo mu ntara utwara. 17 Abagore bose bazokwumva ivyo umwamikazi yakoze bitume basuzugura abagabo babo, bavuge bati: “N’umwami Ahasuwerusi yarategetse ko bazana imbere yiwe umwamikazi Vashiti, ariko aranka.” 18 Kuva uyu musi, abagore b’abatware b’Ubuperesi n’Ubumedi bazoba bumvise ivyo umwamikazi yakoze, bazoza barabwira gutyo abatware bose b’umwami. Bizotuma haba akagaye kenshi n’ishavu ryinshi. 19 Mwami Ahasuwerusi, nimba ubishimye, nusohore itegeko rivuga yuko Vashiti atazokwigera asubira kuza imbere yawe, kandi ryandikwe mu mategeko y’Ubuperesi n’Ubumedi, amwe adashobora gufutwa+. Ikibanza afise c’umwamikazi uce ugiha umugore ameze neza kumurusha. 20 Abantu bo mu karere kagutse cane utwara nibumva iryo tegeko wasohoye, abagore bose bazoza barubaha abagabo babo, baba abahambaye canke abasanzwe.»

21 Umwami n’abatware bashima ico ciyumviro, umwami aca akora ivyo Memukani avuze. 22 Nuko arungika amakete mu ntara zose atwara+, intara yose ayandikira mu nyandiko yayo*, umugwi wose w’abantu awandikira mu rurimi rwawo. Ayo makete yavuga ko umugabo wese ari we mutware* mu rugo rwiwe kandi ko akwiye kuvuga ururimi rw’iwabo*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika