Imigani
3 Mwananje, ntiwibagire inyigisho* yanje,
kandi wubahirize amabwirizwa yanje n’umutima wawe wose,
2 kuko bizokuronsa imisi myinshi
n’imyaka myinshi yo kubaho hamwe n’amahoro+.
3 Ntuhebe urukundo* n’ubwizigirwa*+.
Nubibohere kw’izosi ryawe,
uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.
4 Uzoheza ugire ubutoni, uboneke ko uciye ubwenge*
imbere y’Imana n’abantu+.
Tinya Yehova, uce kure ikibi.
9 Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro+
be n’ivyeze ubwa mbere* mu mwimbu wawe wose+.
10 Maze ibigega vyawe bizokwuzura bisesekare,
11 Mwananje, ntiwanke gutozwa indero na Yehova+
kandi nturakare igihe agukosoye+,
12 kuko Yehova akosora uwo akunda+,
nka kurya umuvyeyi akosora umwana amuhimbara+.
13 Hahiriwe umuntu yironkera ubukerebutsi+
be n’umuntu yironkera ugutahura.
14 Kuronka ubwenge biruta kuronka ifeza,
kandi kubwunguka biruta kwunguka inzahabu+.
15 Buri n’agaciro kuruta amabuye yitwa korali*.
Nta kintu na kimwe umuntu yipfuza cogereranywa na bwo.
16 Mu kuboko kwabwo kw’ukuryo hari ukuramba,
mu kubamfu na ho hari ubutunzi n’ubuninahazwa.
19 Yehova yaremye isi akoresheje ubwenge*+.
Yarakomeje ijuru akoresheje ugutahura+.
20 Biciye ku bumenyi bwiwe, yaratandukanije amabenga y’amazi,
yongera atuma ibicu vyo mu kirere bitonyanga imvura+.
21 Mwananje, nubigumizeko* ijisho.
Zigama ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira.
22 Bizotuma uronka ubuzima
kandi bizokubera agasharizo mw’izosi.
23 Uzoheza wigire utekanye mu nzira yawe,
kandi ikirenge cawe ntikizokwigera gitsitara+.
28 Ntubwire mugenzawe ngo: «Genda uzogaruka, nzoguha ejo»,
kandi wari ushoboye kumuha ubwo nyene.