Yesaya
Icara hasi ahatagira intebe y’ubwami+,
ewe mukobwa w’Abakaludaya,
kubera ko batazokwongera kuvuga ko wamikaye canke ko ufashwe neza.
Kura igitambara witwikiriye.
Duza impuzu yawe upfukure amaguru.
Jabuka inzuzi.
3 Ubwambure bwawe buzopfukurwa.
Ibimaramare vyawe bizoshirwa ahabona.
Nzokwihora+ kandi nta muntu n’umwe azombuza*.
6 Narashavuriye abantu banje+.
Mugabo nta kagongwe wabagiriye+.
N’umutama wamuremetse umutwaro* uremereye+.
7 Wavuze uti: «Nzokwama ndi umwamikazi* ibihe vyose+.»
Ivyo bintu ntiwabishizeko umutima,
ntiwazirikanye iherezo ryavyo.
8 Niwumve ibi rero, wewe ukunda ivyo kwinezereza+,
wewe wiyicariye mu mutekano, ukibwira mu mutima ngo:
«Nta wundi ariho ameze nkanje+.
Sinzopfakara.
Sinzokwigera mbura abana+.»
9 Mugabo ibi bintu bibiri bizogushikira bukwi na bukwi, ku musi umwe+:
ukubura abana n’ugupfakara.
Ivyo bintu bizogushikako ku rugero rwuzuye+,
kubera ubupfumu bwawe bwinshi n’uburozi* bwawe bwose bukomeye*+.
10 Wizigiye ububisha bwawe.
Wavuze ngo: «Nta n’umwe ambona.»
Ubukerebutsi bwawe n’ubumenyi bwawe ni vyo vyagutesheje inzira.
Wibwira mu mutima ngo: «Nta wundi ariho ameze nkanje.»
Amarushwa azokugwako kandi ntuzoshobora kuyirinda.
Agatikizo katigeze kagushikira kazokuzako bukwi na bukwi+.
12 Bandanya rero uburozi* bwawe n’ubupfumu bwawe bwinshi+,
ivyo wamye ukoresha n’umwete mwinshi kuva ukiri muto.
Hari aho vyokwungura,
canke ugatera abantu ubwoba.
13 Abajanama bawe benshi bakurambiye.
Nibahaguruke rero bagukize,
bamwe basenga ibiri kw’ijuru*, bakihweza inyenyeri+,
bamwe bamenyesha ibintu ku mboneko z’ukwezi,
bakakubwira ibizogushikira.
14 Raba! Bameze nk’ibishakara.
Umuriro uzobaturira.
Ntibashobora kwikiza imbeya zikomeye.
Izo mbeya si nk’amakara umuntu yokoresha mu kwisusurutsa,
canke umuriro umuntu yokwicara imbere.
15 Ukwo ni ko abapfumu bawe bazomera kuri wewe,
abo mwakoranye n’umwete mwinshi kuva ukiri muto.
Bazokwangara, umwe wese ajane inzira yiwe*.
Nta n’umwe azogukiza+.