Amosi
9 Nabonye Yehova+ ari hejuru y’igicaniro, maze avuga ati: «Kubita hejuru ku nkingi* ku buryo no hasi hanyiganyiga. Menagura imitwe yazo, abasigaye na bo ndabicishe inkota. Nta n’umwe azoncarukana, kandi n’uwogerageza guhunga ntibizokunda+.
Nibanyinyegeza munsi y’amazi,
nzotegeka inzoka ibakomorereyo.
4 Nibagirwa imbohe mu gihugu c’abansi babo,
nzotegeka inkota maze ibicireyo+.
Nzobashinga ijisho kugira ndabagirire nabi, atari kugira ndabagirire neza+.
5 Kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, ari we akora ku gihugu*
ku buryo gishonga+, maze ababa muri co bose bakagandara+.
Igihugu cose kizoduga nk’uruzi Nili,
congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+.
6 “Umwe yubaka ingazi ziwe kw’ijuru,
akubaka inyubakwa* yiwe hejuru y’isi,
umwe ahamagara amazi yo mu kiyaga
kugira ayasuke kw’isi+,
izina ryiwe ni Yehova+.
7 Yemwe Bisirayeli, mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi?” ni ko Yehova avuze.
“Mbega sinaduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri+,
Abafilisitiya nkabakura i Kirete+, Siriya na yo nkayikura i Kiri+?
Ariko ntazozimanganya buhere inzu ya Yakobo+”, ni ko Yehova avuze.
9 “Kuko ngira ntange itegeko,
kandi nzoshwiragiza Abisirayeli mu mahanga yose+,
kurya umuntu ayunguruza akayungiro
ntihagire ibuye na rimwe rigwa hasi.
10 Abantu bose bo mw’ihanga ryanje bacumura bazokwicwa n’inkota,
abo bose bavuga ngo: ‘Ikiza ntikizotwegera canke ngo kidukoreko.’
11 Kuri uwo musi nzovyura urusago* rwa Dawidi+ rwatemvye,
nzibire ibitoboro vyarwo*
kandi nzosanura aho rwasambutse.
Nzosubira kurwubaka nk’uko rwari rumeze kera+,
12 kugira bigarurire ibisigarira vya Edomu+,
hamwe n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje”, ni ko Yehova avuze, ari na we ariko arabikora.
13 Yehova avuze ati: “Ehe imisi iraje,
aho umurimyi azohamvya umwimbuzi,
uwugana* inzabibu na we agahamvya uwutera imbuto+.
Imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,