Zaburi
Ni zaburi ya Asafu+.
79 Ewe Mana, amahanga yateye intoranwa yawe+.
Yahumanije urusengero rwawe rweranda+.
Yahinduye Yeruzalemu ikirundo c’ibihomvagurike+.
2 Imivyimba y’abasavyi bawe bayihaye inyoni ngo ziyirye,
imibiri y’intahemuka zawe bayiha ibikoko vyo mw’ishamba+.
5 None uzodushavurira gushika ryari ga Yehova? Ibihe vyose+?
Ishavu ryawe rizorurumba nk’umuriro+ gushika ryari?
8 Ntuduhanire amakosa ya ba sokuruza bacu+.
Nutugirire imbabazi ningoga+
kuko tugeze habi cane.
9 Ewe Mana y’ubukiriro bwacu, nudufashe+
ku bw’izina ryawe rininahaye.
Nuturokore, utubabarire* ibicumuro vyacu ku bw’izina ryawe+.
10 Kubera iki amahanga yovuga ngo: «Imana yabo iri hehe+?»
Ese twokwibonera ko vyamenyekanye mu mahanga
yuko wihoye abasheshe amaraso y’abasavyi bawe+!
11 Ese wokwumva amaborogo y’imbohe+!
Nukoreshe ububasha* bwawe bukomeye kugira urokore* abaciriwe urwo gupfa+.