ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Inkota y’Imana isokorwa ngo ishitse urubanza (1-17)

      • Umwami wa Babiloni azotera Yeruzalemu (18-24)

      • Umukuru wa Isirayeli w’umubisha azokurwaho (25-27)

        • «Kura urugori» (26)

        • «Gushika haje uwubifitiye uburenganzira» (27)

      • Inkota izotera Abamoni (28-32)

Ezekiyeli 21:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 14

Ezekiyeli 21:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igifise umubiri cose.»

Ezekiyeli 21:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:20

Ezekiyeli 21:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amafyinga yawe ajugumira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:4; Yr 4:19; Ezk 9:8

Ezekiyeli 21:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 7:15-17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 30

Ezekiyeli 21:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 66:16; Yr 12:12; Am 9:4

Ezekiyeli 21:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga inkota ya Yehova.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:10; 2Sm 7:12, 14

Ezekiyeli 21:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:9; 51:20

Ezekiyeli 21:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 9:8; Mik 1:8
  • +Ezk 19:1

Ezekiyeli 21:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:27
  • +2Bm 25:7; Ezk 19:14; 21:26

Ezekiyeli 21:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:1, 2

Ezekiyeli 21:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 21:7

Ezekiyeli 21:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:24; Ezk 5:13; 16:42

Ezekiyeli 21:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ikiganza.»

Ezekiyeli 21:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:2; Ezk 25:5; Am 1:14
  • +2Sm 5:9; 2Ng 26:9; 32:2, 5; 33:1, 14

Ezekiyeli 21:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    4/2011, rup. 11

Ezekiyeli 21:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 32:24; 52:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 14

Ezekiyeli 21:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abarahiye ni ababa i Yeruzalemu. Biboneka ko barahiye Abanyababiloni.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:11, 13; Ezk 17:13
  • +2Bm 25:6, 7

Ezekiyeli 21:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «muzofatishwa ukuboko.»

Ezekiyeli 21:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:11, 13; Yr 24:8; 52:1, 2; Ezk 17:19

Ezekiyeli 21:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:5-7; Yr 52:8, 11; Ezk 12:12, 13
  • +Ezk 21:13
  • +Zb 75:7; Dn 4:17
  • +Dn 4:37; Lk 21:24

Ezekiyeli 21:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:10; Zb 89:3, 4; 110:1; Yes 9:6; 11:10; Lk 1:32, 33; Ivh 5:5
  • +Zb 2:6, 8; Dn 7:13, 14; Lk 22:29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 11

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 59-60

Ezekiyeli 21:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko hariko habwirwa igisagara ca Raba c’Abamoni.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku mazosi y’abishwe.»

Ezekiyeli 21:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 25:5

Ezekiyeli 21:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:2, 3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 21:3Lw 26:33
Ezk. 21:5Yr 23:20
Ezk. 21:6Yes 22:4; Yr 4:19; Ezk 9:8
Ezk. 21:7Ezk 7:15-17
Ezk. 21:9Yes 66:16; Yr 12:12; Am 9:4
Ezk. 21:10It 49:10; 2Sm 7:12, 14
Ezk. 21:11Yr 25:9; 51:20
Ezk. 21:12Ezk 9:8; Mik 1:8
Ezk. 21:12Ezk 19:1
Ezk. 21:13Yr 6:27
Ezk. 21:132Bm 25:7; Ezk 19:14; 21:26
Ezk. 21:142Bm 25:1, 2
Ezk. 21:15Ezk 21:7
Ezk. 21:17Yes 1:24; Ezk 5:13; 16:42
Ezk. 21:20Yr 49:2; Ezk 25:5; Am 1:14
Ezk. 21:202Sm 5:9; 2Ng 26:9; 32:2, 5; 33:1, 14
Ezk. 21:22Yr 32:24; 52:4
Ezk. 21:232Ng 36:11, 13; Ezk 17:13
Ezk. 21:232Bm 25:6, 7
Ezk. 21:252Ng 36:11, 13; Yr 24:8; 52:1, 2; Ezk 17:19
Ezk. 21:262Bm 25:5-7; Yr 52:8, 11; Ezk 12:12, 13
Ezk. 21:26Ezk 21:13
Ezk. 21:26Zb 75:7; Dn 4:17
Ezk. 21:26Dn 4:37; Lk 21:24
Ezk. 21:27It 49:10; Zb 89:3, 4; 110:1; Yes 9:6; 11:10; Lk 1:32, 33; Ivh 5:5
Ezk. 21:27Zb 2:6, 8; Dn 7:13, 14; Lk 22:29
Ezk. 21:31Ezk 25:5
Ezk. 21:32Yr 49:2, 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 21:1-32

Ezekiyeli

21 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe i Yeruzalemu, uvuge amajambo yagiriza ibibanza vyeranda, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira igihugu ca Isirayeli. 3 Bwira igihugu ca Isirayeli uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ngira nkurwanye, kandi nzosokora inkota yanje mu rwubati*+, ndandure iwawe umugororotsi n’umubisha. 4 Kubera ko nzorandura iwawe umugororotsi n’umubisha, inkota yanje izosokorwa mu rwubati kugira yice abantu bose*, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko. 5 Abantu bose bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nasokoye inkota yanje mu rwubati. Ntizosubirayo+.’”

6 Nayo wewe ga mwana w’umuntu, nunihagire ujugumira*, emwe unihagire n’intuntu nyinshi imbere yabo+. 7 Nibakubaza ngo: “Unihishwa n’iki?”, ubabwire uti: “Nihishwa n’inkuru y’ibigira bibe.” Bizoza ata kabuza kandi imitima yose izoshongeshwa n’ubwoba, amaboko yose aregere, abantu bose bajonjogore, n’amavi yose atembe amazi*+. “Raba! Ivyo bintu bizoza ata kabuza, bishike”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

8 Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Inkota! Inkota+ irakarihijwe kandi irasenywe. 10 Yakarihijwe kugira itikize inganda bimwe bikomeye, irasenwa ngo yakake nk’imiravyo.’”»

«Ntidukwiye none kunezerwa?»

«“Mbega izokwanka* agakoni k’ubwami k’umwana wanje+, nk’uko yanka ibiti vyose?

11 Nayitanze ngo isenwe yongere ikoreshwe. Iyo nkota yarakarihijwe irasenwa kugira ngo ihabwe uwujejwe kwica+.

12 Semerera uboroge+ mwana w’umuntu, kuko iyo nkota ije kwica abantu banje. Ije kwica abakuru bo muri Isirayeli bose+. Iyo nkota izobica, yice n’abantu banje. Niwikubite rero kw’itako kubera intuntu. 13 Kuko hagizwe isuzuma+. None bizogenda gute iyo nkota niyanka agakoni k’ubwami? Ntikazobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

14 Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ukubite amashi ku yandi, usubiremwo incuro zitatu ngo “Inkota!” Bakikujwe n’inkota y’abishwe, inkota yo gutikiza inganda bimwe bikomeye+. 15 Imitima yabo izoshongeshwa n’ubwoba+ kandi benshi bazogwa ku marembo y’ibisagara vyabo. Nzotuma inkota itikiza inganda. Emwe, yakaka nk’imiravyo kandi yasenywe kugira ngo itikize inganda! 16 Wa nkota we, tema iburyo! Kubita ibubamfu! Ja iyo ubugi bwawe butumbereye hose! 17 Nanje nzokubita amashi ku yandi, ntururuze uburake bwanje+. Jewe Yehova, ndavuze.»

18 Yehova yongera kumbwira ati: 19 «Nayo wewe ga mwana w’umuntu, tegura inzira zibiri kugira ngo inkota y’umwami wa Babiloni ize. Zompi zikwiye kuva mu gihugu kimwe. Aho ibarabara rishamikira rija kuri vya bisagara bibiri hakwiye gushirwa icapa*. 20 Ukwiye gutegura inzira kugira ngo inkota ize gutera i Raba+ h’Abamoni, n’iyindi nzira yo gutera i Yeruzalemu, igisagara gikingijwe ibihome+ co mu Buyuda. 21 Kuko umwami wa Babiloni ahagarara ku masanganzira, aho rya barabara rishamika rikavamwo abiri, kugira ngo aragure. Arazungagiza imyampi, akitura ibigirwamana vyiwe*, agasuzuma igitigu. 22 Ibintu akoresha mu kuragura afise mu kuryo kwiwe vyerekana Yeruzalemu, kugira ngo hashirweho ibigiga vyo kuhasenyura, hatangwe itegeko ryo gutikiza inganda, havuzwe akaruru k’intambara, hashirweho ibigiga vyo gusenyura amarembo, harundwe ibintu vyo kwuririrako ngo bahatere, hubakwe n’uruzitiro rwo kuhatera+. 23 Abari barabarahiye* bazobona umengo ni indagu y’ububeshi+. Mugabo aribuka ikosa ryabo kandi azobafata+.

24 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Mwatumye ivyaha vyanyu vyibukwa kubera ko mwashize ahabona amakosa yanyu, mutuma ibicumuro vyanyu bibonekera mu vyo mukora vyose. Ko mwibutswe rero, muzotwarwa ku nguvu*.”

25 Nayo wewe ga mukuru wa Isirayeli w’umubisha+, wewe wakomerekejwe bimwe vyo gupfa, umusi wawe washitse, umusi w’igihano cawe ca nyuma. 26 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ambura igitambara bazingira mu mutwe, ukure urugori+. Ntibizoguma kwa kundi+. Shira hejuru uwuri hasi+, ushire hasi uwuri hejuru+. 27 Nzorugira umusaka, umusaka, umusaka. Nta we ruzokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi nzorumuha+.”

28 Nawe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku bijanye n’Abamoni n’ibitutsi vyabo.” Uvuge uti: “Inkota! Inkota yasokorewe gutikiza inganda. Yasenewe gutikiza no kwakaka nk’imiravyo. 29 Naho abantu beretswe ibinyoma ku bikwerekeye*, bakakuragurira ivy’ububeshi, ibiziga vy’abantu bawe bizorundwa ku bishwe*, abantu b’ababisha. Umusi wabo washitse, igihe c’uko bahabwa igihano cabo ca nyuma. 30 Nusubize inkota mu rwubati. Nzogucira urubanza mu kibanza waremewemwo, mu gihugu ukomokamwo. 31 Nzogusukako ishavu ryanje. Nzoguhuhirako umuriro w’uburake bwanje, ndagute mu maboko y’abantu b’inkazi, abahinga mu guhonya+. 32 Uzosha nka kurya kw’inkwi+. Amaraso yawe azoseswa mu gihugu kandi ntuzosubira kwibukwa, kuko jewe Yehova mvuze.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika