Zaburi
137 Iruhande y’inzuzi z’i Babiloni+ ni ho twari twicaye.
Twararize twibutse Siyoni+.
3 Aho ni ho abari batugize imbohe badusavye ngo tubaririmbire+.
Abaducokora badusavye ngo tubanezereze, bavuga bati:
«Turirimbire indirimbo z’i Siyoni.»
4 Tworirimba gute indirimbo ya Yehova
kandi turi mu mahanga?
6 Nintakwibuka ga Yeruzalemu,
emwe nintakurutisha
ibintu vyose bintera umunezero+,
ururimi rwanje ruraca rufatana n’amagage.
7 Ewe Yehova, niwibuke
ivyo Abanyedomu bavuze umusi Yeruzalemu yatemba.
Bavuze bati: «Hasambure! Hasambure gushika ku mushinge+!»