Filemoni
1 Jewe Pawulo imbohe+ ku bwa Kristu Yezu, n’umuvukanyi wacu Timoteyo+, turakwandikiye wewe Filemoni umukozi mugenzi wacu dukunda cane, 2 na mushiki wacu Afiya, na Arikipo+ umusoda mugenzi wacu, n’ishengero risengera mu nzu yawe+.
3 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.
4 Nama nkengurukira Imana yanje iyo ndakuvuze mu masengesho+ 5 kuko nguma numva ko wizera Umukama Yezu kandi ko umukunda, ugakunda n’aberanda bose. 6 Nsenga nsaba ngo ukwizera usangiye n’abandi gutume utahura ivyiza vyose dufise biciye kuri Kristu. 7 Naragize umunezero mwinshi nongera ndahozwa cane aho numviye ivyerekeye urukundo rwawe, kubera ko imitima* y’aberanda yaruhuriwe biciye kuri wewe, muvukanyi.
8 Ku bw’ivyo, naho mu bijanye na Kristu mfise umwidegemvyo mwinshi wo kugutegeka gukora ikibereye, 9 nshimye kukwinginga nishimikije urukundo, narirya jewe Pawulo ndi umutama, nkaba kandi mpfunzwe kubera Kristu Yezu. 10 Ndiko ndakwinginga ku vyerekeye umwana wanje Onezime+. Namuvyaye+ mu kwizera mpfunzwe*. 11 Kera nta co yari akumariye, ariko ubu twe nawe aradufitiye akamaro. 12 Ndamurungitse agaruke iwawe, emwe uwo nyene, we bura bwanje.
13 Nari gushima kumugumana kugira ankorere mu kibanza cawe, magingo ngipfunzwe kubera inkuru nziza+. 14 Mugabo sinshaka gukora ikintu na kimwe utabinyemereye, kugira ngo iciza uzokora ntuze ugikore ku gahato, ahubwo ugikore bikwiviriyeko+. 15 Wosanga mu vy’ukuri icatumye atoroka akanya gato* ari ukugira ngo usubire kumuronka ibihe vyose, 16 atakiri umushumba+ ahubwo aruta umushumba, ari umuvukanyi akundwa cane+. Naho ndamukunda cane, weho uzorushiriza kuko azoba ari umushumba wawe ariko kandi akaba umuvukanyi wawe mu Mukama. 17 Nimba rero ubona ko ndi umugenzi wawe*, ndagusavye umwakirane umutima mwiza nk’uko wonyakira. 18 Vyongeye, nimba hari ikibi yagukoreye canke hakaba hari ico aguheraniye, uze ubimparureko. 19 Jewe Pawulo ndavyanditse n’ukuboko kwanje: nzobiriha . . . aho siniriwe ndakwibutsa yuko ubuzima bwawe ari jewe ubukesha. 20 Ndagusavye rero muvukanyi, umfashe ico kintu kubera ko twunze ubumwe n’Umukama. Nuruhurire umutima* wanje muri Kristu.
21 Ndizigiye yuko uzokora ivyo ndagusavye. Ni co gituma ndakwandikiye, nzi yuko uzokora n’ibiruta ivyo mvuze. 22 Mugabo uretse ivyo, untegurire indaro kuko nizigiye yuko biciye ku masengesho yanyu nzorekurwa mugasubira kumbona+.
23 Epafura+ imbohe mugenzanje kubera Kristu Yezu arakuramutsa, 24 na Mariko, Arisitariko+, Dema+, na Luka+, abo dukorana.
25 Ubuntu buhebuje bw’Umukama Yezu Kristu bubane namwe kubera umutima mwerekana.