Zaburi
IGITABU CA GATATU
(Zaburi 73-89)
Ni zaburi ya Asafu+.
73 Ni ukuri Imana ni nziza kuri Isirayeli, ni nziza ku bafise umutima utyoroye+.
8 Baracokorana kandi bakavuga ibintu bibi+.
Barirata mu gutera ubwoba abantu ngo bazobacinyiza+.
9 Bavuga nk’aho umenga bari hejuru kw’ijuru,
bakavuga ivyo bashatse vyose kw’isi.
10 Ni co gituma abantu b’Imana bahindukiye,
bakaja kunywa amazi menshi y’abo babisha.
11 Bavuga ngo: «Mbega Imana yobimenya gute+?
Musumbavyose hari ico azi vy’ukuri?»
12 Ukwo ni ko ababisha bameze, kandi bama bitekaniye+.
Baguma bongereza ubutunzi bwabo+.
13 Ni ukuri natyororeye ubusa umutima wanje,
nakarabiye ubusa intoke zanje mu kwerekana ko ndi intungane+.
16 Igihe nagerageza kubitahura,
vyaranzazaniye cane,
17 gushika ninjiye aheranda h’Imana hakomeye,
maze ngatahura kazoza kabo.
18 Ni ukuri ubashira ahantu hanyerera+,
urabatembagaza bagahona+.
19 Erega batikira mu kanya isase+!
Bahona bukwi na bukwi kandi iherezo ryabo rirateye ubwoba.
20 Ewe Yehova, nk’uko indoto zikamangana iyo umuntu yikanguye,
ni ko nawe uzobazimanganya* niwahaguruka.
22 Nari meze nk’ikijuju, nta gutegera nari mfise.
Imbere yawe nari meze nk’igikoko kitagira ubwenge*.
25 Mbega hari uwundi mfise mw’ijuru?
Nta kindi nkeneye aha kw’isi atari wewe+.
26 Noshobora kuruha ku mubiri no mu mutima,
ariko Imana ni yo gitandara canje n’umugabane wanje ibihe vyose+.
27 Ni ukuri abaguma kure yawe bazohona.
Uzozimanganya* abantu bose baguhemukira*+.
28 Ariko jewe, kwegera Imana bimbera vyiza+.
Nagize Umukama Segaba Yehova ubuhungiro bwanje,
kugira ntangaze ibikorwa vyiwe vyose+.