Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
Nunyaruke umfashe+.
Nuntege ugutwi iyo ngutabaje+.
2 Isengesho ryanje niribe nk’imibavu+ iteguwe neza imbere yawe+,
ugutakamba* kwanje kube nk’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.
3 Ewe Yehova, nushireho umurinzi arinda akanwa kanje,
ushireho umunyezamu acunga umuryango w’iminwa yanje+.
4 Ntureke ngo umutima wanje uhengamire ku bintu bibi+,
kugira sinifatanye n’ababisha mu bikorwa bibi bakora.
Ese ntokwigera mfungura ku vyo kurya vyabo biryoshe!
5 Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu* angiriye+.
Hamwe yonkosora, yoba ari nk’amavuta ansutse ku mutwe+,
ayo umutwe wanje utokwigera wanka+.
Naho yoshikirwa n’ivyago nzoguma ndamusengera.
6 Abacamanza babo bazotererwa mu manga,
ariko abantu bazotega ugutwi amajambo yanje, kuko abaryohera.
7 Kurya kw’umuntu arima agasanza ivu,
ni ko n’amagufa yacu yasanzajwe mu kuzimu.
8 Ariko ni wewe mpanze amaso, ewe Yehova Mukama Segaba+!
Ni wewe nahungiyeko.
Ntunyake ubuzima.
9 Nunkingire imitego banteze,
undinde imishibuka y’inkozi z’ikibi.