ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Hagari na Ishimayeli (1-16)

Itanguriro 16:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:2, 3
  • +Gl 4:25

Itanguriro 16:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 30:1, 3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 12-13

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 27

Itanguriro 16:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 13-14

Itanguriro 16:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ni je nashize umusukukazi wanje mu gikiriza cawe.»

Itanguriro 16:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 13-14

Itanguriro 16:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:17, 18; Kv 15:22

Itanguriro 16:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:20; 25:13-16; 1Ng 1:29-31

Itanguriro 16:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bisobonura ngo «Imana irumva.»

Itanguriro 16:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hari abiyumvira ko ico gikoko coba ari imparage, kumbure bafatiye ku kuntu ikunda kwigenga.

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokwankana na benewabo bose.»

Itanguriro 16:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 15:3

Itanguriro 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «iriba ry’Uwuriho kandi ambona.»

Itanguriro 16:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 21:9; Gl 4:22, 24

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 16:1It 15:2, 3
Ita. 16:1Gl 4:25
Ita. 16:2It 30:1, 3
Ita. 16:7It 25:17, 18; Kv 15:22
Ita. 16:10It 17:20; 25:13-16; 1Ng 1:29-31
Ita. 16:13Img 15:3
Ita. 16:15It 21:9; Gl 4:22, 24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 16:1-16

Itanguriro

16 Sarayi umugore wa Aburamu nta bana yari afise+, ariko yari afise umusukukazi w’Umunyamisiri yitwa Hagari+. 2 Sarayi rero abwira Aburamu ati: «Urabona ko Yehova atankundiye kuvyara. Ndagusavye uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho yomvyarira abana+.» Nuko Aburamu yemera ivyo Sarayi amubwiye. 3 Sarayi umugore wiwe aca afata Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisiri, amuha umugabo wiwe Aburamu ngo na we amubere umugore. Ico gihe Aburamu yari amaze imyaka cumi aba mu gihugu ca Kanani. 4 Aburamu araheza aryamana na Hagari, hanyuma aribungenga. Hagari amenye ko yibungenze, aca atangura gusuzugura inabuja.

5 Maze Sarayi abwira Aburamu ati: «Ariko amfata nabi kubera wewe. Ni je naguhaye umusukukazi wanje*, mugabo amaze kumenya ko yibungenze yaciye atangura kunsuzugura. Yehova aducire urubanza twe na wewe.» 6 Aburamu amwishura ati: «Ehe umusukukazi wawe ari mu maboko yawe. Numugire uko ushaka.» Sarayi aca atangura kumufata nabi gushika n’aho ata akomoka.

7 Mu nyuma, umumarayika wa Yehova amusanga mu gahinga hafi y’iriba ry’amazi riri ku nzira ija i Shura+. 8 Amubaza ati: «Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?» Amwishura ati: «Ndiko mpunga mabuja Sarayi.» 9 Umumarayika wa Yehova amubwira ati: «Subira kwa nyokobuja, wiyoroshe imbere yiwe.» 10 Uwo mumarayika wa Yehova abandanya ati: «Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe ku buryo ata woshobora kuruharura+.» 11 Umumarayika wa Yehova yongerako ati: «Raba uribungenze kandi uzovyara umuhungu. Uze umwite Ishimayeli* kuko Yehova yumvise amarira yawe. 12 Azomera nk’indogobwa* yo mw’ishamba. Azorwanya abantu bose*, kandi na bo bazomurwanya. Vyongeye, azoshinga ihema ryiwe imbere ya benewabo bose.»

13 Hagari aca yambaza izina rya Yehova Imana yariko ivugana na we, avuga ati: «Uri Imana ibona+.» Yongerako ati: «Aha nyene nabonye umwe ambona?» 14 Ni co gituma iryo riba ryiswe Beri-Lahayi-Royi*. (Riri hagati ya Kadeshi na Beredi.) 15 Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu amwita Ishimayeli+. 16 Aburamu yari afise imyaka 86 igihe Hagari yavyara Ishimayeli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika