ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Abamarayika batatu bagendera Aburahamu (1-8)

      • Sara asezeranirwa kuvyara umuhungu, agaca atwenga (9-15)

      • Aburahamu atakambira Imana ngo ntitikize Sodomu (16-33)

Itanguriro 18:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari umumarayika aserukira Yehova.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 16:7; Abc 13:21
  • +It 13:18; 14:13

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 23-24

Itanguriro 18:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 23-24

Itanguriro 18:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 24-25

Itanguriro 18:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:2; 24:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 24

Itanguriro 18:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 24

Itanguriro 18:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Zari ingero za seya. Zose hamwe zaja mu kintu c’amalitiro nka 10. Raba Inyongera ya B14.

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2014, rup. 7

    1/10/1996, rup. 24

Itanguriro 18:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1996, rup. 24

Itanguriro 18:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «na we aca aguma ahagaze hafi yabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 13:2

Itanguriro 18:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:15

Itanguriro 18:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:21; 21:2; Rm 9:9

Itanguriro 18:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yari yarahagaritse kuja mu butinyanka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:17
  • +Rm 4:19

Itanguriro 18:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:11; 1Pt 3:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 14

Itanguriro 18:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 40:29; Mt 19:26; Lk 1:36, 37

Itanguriro 18:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 13:12

Itanguriro 18:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 25:14; Am 3:7

Itanguriro 18:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azokwironsa umuhezagiro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 12:1-3; Gl 3:14

Itanguriro 18:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kuko namumenye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 27

Itanguriro 18:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Pt 2:7, 8
  • +It 13:13; Yud 7

Itanguriro 18:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 11:5; Kv 3:7, 8; Zb 14:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 202

Itanguriro 18:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:11; 32:30

Itanguriro 18:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 16:22

Itanguriro 18:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:10, 11; Img 29:16; Mal 3:18; Mt 13:49
  • +Gus 32:4
  • +Yb 34:12; Yes 33:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2017, rup. 18-19

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2010, rup. 6

    15/4/2010, rup. 14

    1/1/2009, rup. 24

    15/5/2004, rup. 5

    15/7/2003, rup. 16-17

    1/9/1998, rup. 10, 18

Itanguriro 18:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 14:18; Zb 86:15

Itanguriro 18:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 34:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 203

Itanguriro 18:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 203

Itanguriro 18:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:2, 22

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 18:1It 16:7; Abc 13:21
Ita. 18:1It 13:18; 14:13
Ita. 18:2It 19:1
Ita. 18:4It 19:2; 24:32
Ita. 18:8Heb 13:2
Ita. 18:9It 17:15
Ita. 18:10It 17:21; 21:2; Rm 9:9
Ita. 18:11It 17:17
Ita. 18:11Rm 4:19
Ita. 18:12Heb 11:11; 1Pt 3:6
Ita. 18:14Yes 40:29; Mt 19:26; Lk 1:36, 37
Ita. 18:16It 13:12
Ita. 18:17Zb 25:14; Am 3:7
Ita. 18:18It 12:1-3; Gl 3:14
Ita. 18:19Gus 4:9
Ita. 18:202Pt 2:7, 8
Ita. 18:20It 13:13; Yud 7
Ita. 18:21It 11:5; Kv 3:7, 8; Zb 14:2
Ita. 18:22It 31:11; 32:30
Ita. 18:23Gh 16:22
Ita. 18:25Zb 37:10, 11; Img 29:16; Mal 3:18; Mt 13:49
Ita. 18:25Gus 32:4
Ita. 18:25Yb 34:12; Yes 33:22
Ita. 18:28Gh 14:18; Zb 86:15
Ita. 18:30Kv 34:6
Ita. 18:33It 18:2, 22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 18:1-33

Itanguriro

18 Inyuma y’ivyo, Yehova*+ abonekera Aburahamu hafi y’ibiti binini vy’i Mamure+. Yari yicaye imbere y’umuryango w’ihema ryiwe ku murango, igihe haba hashushe cane. 2 Aburahamu yunamuye amaso, abona abagabo batatu bahagaze nka hariya+. Aca yiruka kubasanganira, arunama mu maso hashika hasi. 3 Maze avuga ati: «Yehova, ko wangiriye ubuntu, ndagusavye nturengane umuhana w’umusavyi wawe. 4 Reka bazane amazi makeyi baboze ibirenge+ hanyuma muruhuke gatoyi munsi y’igiti. 5 Ko mwaciye hano ku musavyi wanyu, reka ndabazanire agakate kugira mugarure utuguvu, muheze mwibandanirize urugendo.» Bamwishura bati: «Ni vyiza. Nugire nk’uko ubivuze.»

6 Aburahamu aca anyarukira mw’ihema aho Sara ari, amubwira ati: «Tora ningoga ingero zitatu* z’ifu inoze, ugire igikandu maze ukore imikate.» 7 Aburahamu aca yiruka mu ruhongore, atora ishuri nziza ikiri nto, ayihereza umusuku wiwe kugira ayitegure ningoga. 8 Hanyuma afata amavuta y’inka, amata hamwe na za nyama yategura, arabahereza. Na we aca aguma hafi yabo* munsi y’igiti, igihe bariko barafungura+.

9 Nuko bamubaza bati: «Sara umugore wawe ari hehe+?» Na we abishura ati: «Aha mw’ihema.» 10 Umwe muri bo aca yongerako ati: «Nzogaruka ng’aha mu mwaka uza nk’iki gihe, kandi umugore wawe Sara azoba afise umwana w’umuhungu+.» Sara yariko arabumviriza ari iruhande y’umuryango w’ihema wari inyuma y’uwo mugabo. 11 Aburahamu na Sara bari bashaje cane+. Sara yari yararenganye igihe co kuvyara*+. 12 Sara aca atwengera mu mutima, yibwira ati: «Mbega jewe umukecuru yaheze, noba nkiryoherwa? Kandi n’umukama wanje arashaje+!» 13 Yehova aca abwira Aburahamu ati: «Kubera iki Sara atwenze akavuga ngo: “Mbega noba nkivyara n’ingene nshaje?” 14 Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Nzogaruka ng’aha mu mwaka uza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu.» 15 Mugabo Sara arahakana ati: «Eka data sinatwenze!» Ivyo yabivuze kubera yari yagize ubwoba. Na we amwishura ati: «Oya watwenze.»

16 Abo bagabo bahagurutse ngo bagende, Aburahamu aca arabaherekeza, abashikana ahantu bashobora kubona i Sodomu+. 17 Maze Yehova avuga ati: «Mbega ngume mpishije Aburahamu ivyo ngira nkore+? 18 Erega Aburahamu azovamwo ihanga rinini kandi rikomeye, kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye kuri we+. 19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.»

20 Hanyuma Yehova avuga ati: «Induru y’abidogera Sodomu na Gomora ni nyinshi+, kandi igicumuro c’abantu baho kiraremereye cane+. 21 Ngira manuke kuraba ko ivyo bakora bihuye n’induru yanshikiriye. Nimba atari ko biri na ho ndabimenye+.»

22 Abo bagabo baca bava ng’aho baja i Sodomu, ariko Yehova+ agumana na Aburahamu. 23 Maze Aburahamu aramwegera, amubwira ati: «Aho nyene ugira ujaniranye umugororotsi n’umubisha+? 24 Dufate ko muri ico gisagara hariyo abagororotsi 50. None wokwica ababa muri co bose, ntukibabarire kandi hariyo abagororotsi 50? 25 Ntiwokwubahuka gukora ikintu nk’ico, ukajaniranya umugororotsi n’umubisha, ku buryo bose bacirwa urubanza rumwe+. Ntiwokwigera ukora ikintu nk’ico+! Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse+?» 26 Yehova amwishura ati: «Ninasanga i Sodomu abagororotsi 50, nzoca mbabarira ico gisagara cose kubera bo.» 27 Ariko Aburahamu arasubira ati: «Urantunga Yehova. Raba ingene nubahuka kuvugana nawe kandi ndi umukungugu n’umunyota. 28 Dufate ko muri abo bagororotsi 50 habuzemwo batanu. None uzohonya ico gisagara cose kubera abo batanu babuze?» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya ninasangayo 45+.»

29 Mugabo Aburahamu yongera kumubwira ati: «Dufate ko hariyo 40.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo 40.» 30 Aburahamu arongera ati: «Yehova, ndagusavye ntunshavurire+. Nkundira nsubire mvuge: dufate ko hariyo 30 gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya ninasangayo 30.» 31 Ariko Aburahamu arabandanya ati: «Urantunga Yehova. Raba ingene nubahuka kuvugana nawe: dufate ko hariyo 20 gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo 20.» 32 Ubwa nyuma, Aburahamu avuga ati: «Yehova, ndagusavye ntunshavurire. Urantunga mvuge irya nyuma: dufate ko hariyo cumi gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo cumi.» 33 Yehova ahejeje kuvugana na Aburahamu aca aragenda+, Aburahamu na we asubira muhira iwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika