Zaburi
2 Kubera iki amahanga ari mu ruhagarara,
n’imigwi y’abantu ikaguma ivugira mu ntamatama* ibitagira akamaro+?
3 Bavuga ngo: «Ducagagure iminyororo yabo,
dushiburire kure imigozi yabo!»
4 Umwe avyagiye ku ntebe y’ubwami mw’ijuru azobatwenga.
Emwe, Yehova azobatwengera mw’ijigo.
5 Ico gihe azobavugisha yashavuye,
abatere ubwoba yarunguye n’ishavu,
6 avuge ati: «Ni jewe niyimikiye umwami wanje+
kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda.»
11 Nimukorere Yehova kandi mumutinye,
munezerwe kandi mujugumire imbere yiwe.
Hahiriwe abo bose bahungira kuri yo.