Tito
2 Ariko weho, ugume uvuga ibintu bihuye n’inyigisho ngirakamaro*+. 2 Abatama nibabe abantu batarenza urugero mu ngeso zabo, badafyina, biyumvira neza*, bakomeye* mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana. 3 N’abatamakazi nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi canke abaja b’umuvinyu mwinshi, ahubwo babe abigisha ivyiza, 4 kugira bahanure* abagore bakiri bato gukunda abagabo babo, gukunda abana babo, 5 kuba abantu biyumvira neza*, batanduye, bitwararika ibikorwa vyo mu rugo*, bameze neza, bayobokera abagabo babo+, kugira ijambo ry’Imana ntiritukwe.
6 Guma uremesha n’abasore ngo babe abantu biyumvira neza*+, 7 kandi ugume ubera abandi akarorero mu bijanye n’ibikorwa vyiza muri vyose. Niwigishe ibitanduye* udafyina na gato+, 8 ukoresha imvugo imeze neza* idashobora gutorwa amahinyu+, kugira abaturwanya bamaramare, babure ikibi* na kimwe batuvugako+. 9 Abashumba nibayobokere ba shebuja muri vyose+, barondere kubashimisha, batavuga ngo na bo bavuge. 10 Ntibibe ba shebuja+ ahubwo berekane ko ari abizigirwa rwose, kugira ngo muri vyose basharize inyigisho y’Imana, yo Mukiza wacu+.
11 Kuko bwa buntu buhebuje* bw’Imana bwibonekeje, buzanira ubukiriro abantu b’uburyo bwose+. 12 Butwigisha kwamirira kure ukutubaha Imana n’ivyipfuzo vy’isi+, bukatwigisha no kubaho twiyumvira neza*, twigenza mu buryo bugororotse kandi twihebera Imana muri iyi si*+, 13 mu gihe tukirindiriye ca cizigiro giteye umunezero+, turindiriye n’uko ya Mana ikomeye be n’Umukiza wacu Yezu Kristu berekana ubuninahazwa bwabo. 14 Yaritanze ku bwacu+ kugira atubohore*+ tuve mu bugarariji bw’uburyo bwose, yongere yihumanurire umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira, bafise umwete wo gukora ibikorwa vyiza+.
15 Guma uvuga ivyo bintu, uhimiriza* wongera ukosora wishimikije ububasha bwose ufise+. Ntihagire umuntu n’umwe agusuzugura.