Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryo hejuru*. Ni indirimbo y’abahungu ba Kora+.
2 Ni co gituma tutazotinya, naho isi yohinduka,
naho imisozi yosenyukira mu kiyaga+,
3 naho amazi yaco yosuma cane, agasuriranya+,
canke imisozi igatigita kubera ugusuriranya kwaco. (Sela*)
4 Hariho uruzi rufise imigezi inezereza igisagara c’Imana+,
rya hema ryeranda rihambaye rya Musumbavyose.
5 Imana iri muri ico gisagara+, ntikizokwigera gitemba.
Imana izogitabara guhera mu mutwenzi+.
8 Nimuze mwirabire ibikorwa vya Yehova,
ingene yakoze ibintu bitangaje kw’isi!
9 Ahagarika intambara kw’isi yose+.
Acagagura imiheto, akavunagura amacumu.
Imikogote* y’intambara ayituririra mu muriro.
10 «Nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana.