Yobu
13 Egome, ivyo vyose naravyiboneye n’amaso yanje.
Naravyumvise n’amatwi yanje kandi ndabitahura.
2 Ivyo muzi nanje ndabizi,
nta na kimwe mundusha.
3 Ariko jewe noshima kwivuganira na Mushoboravyose.
Nohimbarwa no gushikiriza Imana urubanza rwanje+.
6 Ndabasavye mwumvirize ivyo nireguza.
Nimutege ugutwi ukwiburanira kwanje.
7 Muvuge ibinyoma ngo muriko muvugira Imana?
Mwubahuke kuyibeshera?
9 Hamwe yobasuzuma, mwibaza ko yosanga mwera+?
Ugira ngo mwoyibesha nk’uko mubesha umuntu?
11 Mbega ntimwotinya icubahiro cayo?
Ntimwogira ubwoba kubera yo?
12 Amajambo yanyu y’ubwenge* ni imigani ata co imaze nk’iminyota.
Ivyo mwireguza* bimeze nk’inkinzo z’ibumba.
13 Nimuhore nanje mvuge,
maze bice aho bishaka!
17 Nimwumvirize neza amajambo yanje.
Nimutege amatwi ivyo mvuga.
18 Ubu rero nateguye urubanza rwanje,
ndazi neza ko ndi mu kuri.
19 Ni nde yonyagiriza ikosa?
Hamwe noguma ncereje noca mpfa*.
22 Nuvuge nanje ndakwishure,
canke na ho ureke mvuge, nawe unyishure.
23 Amakosa yanje n’ibicumuro vyanje ni ibihe?
Nyereka ubugarariji bwanje n’igicumuro canje.
25 Mbega wogerageza gutera ubwoba ibabi riguruwe n’umuyaga?
Canke wokwiruka inyuma y’ivyatsi vyumye?
26 Kuko uguma wandika ibirego bikaze vyo kunyagiriza,
ugatuma nishura ibicumuro vyo mu buto bwanje.
uguma usuzuma inzira zanje zose,
kandi uguma ukurikirana aho mponyoza ikirenge hose.