ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 39
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Intumwa zaje ziva i Babiloni (1-8)

Yesaya 39:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:23
  • +2Bm 20:5, 12, 13

Yesaya 39:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «anezererwa.»

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

  • *

    Canke «ku kirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:27

Yesaya 39:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 20:14, 15

Yesaya 39:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku kirimba.»

  • *

    Canke «ku kirimba.»

Yesaya 39:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku kirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:11, 13; 25:13; 2Ng 36:18; Dn 1:1, 2
  • +2Bm 20:16-18

Yesaya 39:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:12; Dn 2:49; 5:29

Yesaya 39:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ukuri.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 20:19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 39:12Ng 32:23
Yes. 39:12Bm 20:5, 12, 13
Yes. 39:22Ng 32:27
Yes. 39:32Bm 20:14, 15
Yes. 39:62Bm 24:11, 13; 25:13; 2Ng 36:18; Dn 1:1, 2
Yes. 39:62Bm 20:16-18
Yes. 39:72Bm 24:12; Dn 2:49; 5:29
Yes. 39:82Bm 20:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 39:1-8

Yesaya

39 Ico gihe umwami wa Babiloni Merodaki-Baladani mwene Baladani arungikira Hezekiya amakete n’ingabire+, kuko yari yumvise ko yarwaye kandi ko yakize+. 2 Nuko Hezekiya yakirana umunezero* abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza* n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe vyose n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu* yiwe no mu bwami bwiwe bwose.

3 Inyuma y’ivyo, umuhanuzi Yesaya aja kuraba umwami Hezekiya, amubaza ati: «Abo bantu bavuze iki? Mbe hoho baje bava he?» Hezekiya yishura ati: «Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+.» 4 Yesaya aca amubaza ati: «Ni ibiki babonye mu nzu* yawe?» Hezekiya yishura ati: «Babonye ibintu vyose biri mu nzu* yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu vyo ntunze.»

5 Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: «Niwumve ivyo Yehova Nyeningabo avuze: 6 “Mu misi iri imbere, ibiri mu nzu* yawe vyose n’ibintu vyose ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara+. Ni jewe Yehova ndabivuze+. 7 Kandi bamwe mu bahungu uzovyara, bazotwarwa babe abakozi bo ku kirimba c’umwami wa Babiloni+.”»

8 Hezekiya yishura Yesaya ati: «Ijambo rya Yehova umbwiye ni ryiza.» Yongerako ati: «Kuko hazoba hari amahoro n’umutekano* igihe nzoba nkiriho*+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika