Mika
7 Ndagowe! Meze nk’umuntu
aja kurondera inzabibu* zo kurya akabura,
n’insukoni zera kare yipfuza cane akazibura,
akabirondera iyimbura ry’ivyamwa vyera mu ci ryaheze,
n’abatoragura utwasigaye mw’iyimbura ry’inzabibu bamaze kuhaca.
Bose barabunda kugira basese amaraso+.
Umwe wese ahiga mwenewabo akoresheje urusenga rw’umukwabu.
3 Amaboko yabo ni karuhariwe mu gukora ikibi+.
Umutware aragira ivyo asaba,
umucamanza agasaba impera+,
umunyacubahiro na we akavuga ivyo yipfuza*+,
kandi bakabipfundikira hamwe*.
4 Uwumeze neza kuruta abandi muri bo ameze nk’amahwa.
Umuntu w’intungane kuruta abandi muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa.
Wa musi inderetsi zawe zavuga, umusi wo kugira ico ubazwa, uzoza+.
Bazotekerwa n’ubwoba+.
Uragaba ku vyo ubwira umugore mupfumbatirana.
6 Kuko umuhungu asuzugura se,
umukobwa agahagurukira nyina+
n’umukazana agahagurukira inabukwe+.
Abansi b’umuntu ni abo mu muryango wiwe+.
7 Ariko jeho, nzoguma nderetse Yehova+.
Nzorindira* Imana y’ubukiriro bwanje+.
Imana yanje izonyumva+.
8 Ewe wa mwansi* wanje, ntunezerwe kubera ivyanshikiye!
Naho natemvye, nzohaguruka.
Naho mba mu mwiza, Yehova azombera umuco.
9 Nzokwihanganira uburake bwa Yehova
kuko namucumuyeko+.
Nzokwihangana gushika amburaniye, akantunganiriza.
Azonsohokana anjane ku muco.
Nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe.
10 Umwansi wanje na we nyene azobibona
yicwe n’ibimaramare, umwe yahora ambwira ngo:
«Yehova Imana yawe ari hehe+?»
Amaso yanje azomwitegereza.
Ico gihe azohonyangwa nk’urwondo rwo mu mabarabara.
12 Uwo musi, bazoza iwawe
bavuye i Ashuri no mu bisagara vyo mu Misiri,
kuva mu Misiri gushika no kuri rwa ruzi runini*,
kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva ku musozi gushika ku wundi+.
14 Ragiza abantu bawe inkoni yawe, uragire ubusho bwawe ari yo ntoranwa yawe+.
Bahora baba mu kibira ari bonyene, hagati mu murima w’ivyamwa.
Nibarishe i Bashani n’i Gileyadi+ nko mu misi ya kera.
16 Amahanga azobibona amaramare naho afise ububasha bwinshi+.
Bazokwifata ku munwa,
amatwi yabo azibe.
17 Bazorigata umukungugu nk’inzoka+.
Nka kurya kw’ibikoko vyo kw’isi vyikwega hasi, bazova mu buhungiro bwabo bajugumira.
18 Imana imeze nkawe ni iyihe,
iharira ikosa, ikirengagiza igicumuro+ c’abasigaye bo mu ntoranwa yayo+?
19 Uzokwongera kutugirira imbabazi+, utsinde* amakosa yacu.
Uzoshiburira epfo mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose+.