Yobu
16 Yobu yishura ati:
2 «Nari maze kwumva ibintu vyinshi nk’ivyo.
Mwese muri abahoza batera umubabaro+.
3 Mbega amajambo ata co amaze* arigera ahera?
Ni igiki gitumye wishura gutyo?
4 Erega nanje noshobora kuvuga nkamwe.
Iyaba mwari mu kibanza canje,
nari gushobora kubabwira amajambo akaze yo kubanegura,
kandi nkabazungagiriza umutwe+.
8 Ariko kandi yarancakiye, kandi ivyo biribonekeza.
Ukwonda kwanje ni icabona kinyagiriza.
9 Ishavu ryayo ryarantabaguye, imfitiye inzigo+.
Iguma impekenyera imisaya*.
Umwansi wanje aguma andaba igitsure+.
10 Abantu bataburuye akanwa ngo bandotse+,
bankubita amakofe n’akagaye n’akantu.
Bankoraniyeko ari isinzi+.
12 Nari nitekaniye, ariko yaramenaguye+.
Yarancakiye kw’izosi maze iransavya,
iraheza intumberezako imyampi yayo.
13 Abarasisha umuheto bayo barankikuje+.
Irantobagura amafyigo+ ata kigongwe,
igasesa hasi indurwe yanje.
14 Irantobagura ngasigara ndi ibitoboro gusa.
Insimbirako nka kurya kw’umurwanyi.
16 Mu maso hanje hatukuye kubera amarira+,
amaso yanje yirabuye kubera intuntu*,
17 naho ata kibi amaboko yanje yakoze,
kandi nkaba nsenga ata co niyagiriza.
18 Ewe wa si we, ntupfuke amaraso yanje+,
kandi amaborogo yanje ntiyigere ahagarara!
19 Ubu rero icabona canje kiri mw’ijuru.
Uwushobora kunshingira intahe ari hejuru.