Abacamanza
11 Yefuta+ Umunyagileyadi yari umurwanyi w’intwari. Se yitwa Gileyadi, akaba yamuvyaranye n’umumaraya. 2 Mugabo umugore wa Gileyadi na we nyene amuvyarira abahungu. Abo bahungu bamaze gukura baca bomora Yefuta, bamubwira bati: «Nta co uzotorana mu rugo rwa dawe, kuko uvuka ku wundi mugore.» 3 Yefuta aca ahunga benewabo aja kuba i Tobu. Maze abagabo batagira ico bakora bifatanya na Yefuta, aba indongozi yabo.
4 Haciye igihe, Abamoni batera Abisirayeli+. 5 Abashingantahe b’i Gileyadi babonye ko Abamoni bateye Abisirayeli, ubwo nyene baca baja kurondera Yefuta i Tobu. 6 Bamubwira bati: «Ingo utubere umukomanda, kugira turwanye Abamoni.» 7 Mugabo Yefuta abwira abashingantahe b’i Gileyadi ati: «Si mwe mwanyanse mukanyomora mu rugo rwa dawe+? Kubera iki none muje kundondera ubu muri mu marushwa?» 8 Abo bashingantahe baca babwira Yefuta bati: «Ni co gitumye tugaruka iwawe. Niwajana natwe kurwanya Abamoni, uca uba umukuru* w’ababa i Gileyadi bose+.» 9 Yefuta na we abishura ati: «Nimwangarukana kugira ndwanye Abamoni, kandi Yehova akamfasha kubatsinda, nzoheza mbe umukuru wanyu.» 10 Abashingantahe b’i Gileyadi bamwishura bati: «Yehova azotubere icabona* nitutabigira nk’uko ubivuze.» 11 Yefuta rero ajana n’abashingantahe b’i Gileyadi maze abantu bamugira umukuru wabo n’umukomanda wabo. Nuko ivyo Yefuta yari yavuze vyose abisubiramwo imbere ya Yehova i Mizipa+.
12 Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami w’Abamoni+ ati: «Dupfa iki* ko uje gutera igihugu canje?» 13 Umwami w’Abamoni aca yishura izo ntumwa za Yefuta ati: «Nje kugutera kubera ko igihe Abisirayeli bava mu Misiri batwaye igihugu canje+, kuva ku ruzi Arunoni+ gushika ku ruzi Yaboki no kuri Yorodani+. Nuhansubize rero ku neza.» 14 Mugabo Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami w’Abamoni 15 ngo bamubwire bati:
«Yefuta avuze ati: “Abisirayeli nta gihugu c’Abanyamowabu+ n’ic’Abamoni batwaye+, 16 kuko igihe bava mu Misiri, baciye mu bugaragwa gushika ku kiyaga Gitukura+ babona gushika i Kadeshi+. 17 Maze Abisirayeli batuma intumwa ku mwami wa Edomu+ bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu aranka. Batuma n’intumwa ku mwami wa Mowabu+, ariko ntiyemera. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi+. 18 Igihe bashishikara urugendo mu bugaragwa, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’ica Mowabu. Baciye mu buseruko bwa Mowabu+ maze bakambika mu karere ka Arunoni. Ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko uruzi Arunoni rwari rwo rubibe.
19 Inyuma y’aho, Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe kugira tubandanye iyo turiko turaja+.’ 20 Mugabo Sihoni ntiyemera ko Abisirayeli bashaka kurengana gusa mu karere kiwe. Akoranya rero ingabo ziwe zose maze akambika i Yahazi atera Abisirayeli+. 21 Yehova Imana ya Isirayeli aca afasha Abisirayeli gutsinda Sihoni n’ingabo ziwe zose, barabanesha. Abisirayeli baraheza bigarurira ahantu hose Abamori baba muri ako karere+. 22 Ukwo ni ko bigaruriye akarere kose k’Abamori, guhera kuri Arunoni gushika kuri Yaboki no guhera mu bugaragwa gushika kuri Yorodani+.
23 Yehova Imana y’Abisirayeli ni we yomoye Abamori ngo babise abantu biwe+. None ugomba kubomora? 24 Mbega ivyo imana yawe Kemoshi+ iguhaye ntibica biba rwawe? Natwe uwo wese Yehova Imana yacu yomoye ngo atubise, ni we twomora+. 25 None wewe uruta Balaki+ mwene Zipori, umwami wa Mowabu? Yoba yarigeze agiranira amatati n’Abisirayeli canke ngo abarwanye? 26 Ko Abisirayeli bamaze imyaka 300 baba i Heshiboni no mu dusagara tuhegukira*+, n’i Aroweri no mu dusagara tuhegukira, no mu bisagara vyose biri ku nkombe za Arunoni, kubera iki utigeze ugerageza kuhagaruza muri ico gihe+? 27 Jewe nta kibi nagukoreye, yamara wewe ugize nabi kuza kuntera. Yehova Umucamanza+ naruce hagati y’Abisirayeli n’Abamoni.”»
28 Mugabo umwami w’Abamoni yirengagiza ivyo Yefuta yamutumyeko.
29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca mu karere ka Gileyadi n’aka Manase yerekeza i Mizipa* h’i Gileyadi+. Hanyuma ava aho i Mizipa aguma agenda gushika ku Bamoni.
30 Maze Yefuta araganira+ Yehova ati: «Niwamfasha gutsinda Abamoni 31 nkagaruka amahoro mvuye kurwana na bo, uwuzova mu nzu yanje aje kunsanganira azoba uwa Yehova+. Nzomutanga nk’ishikanwa riturirwa+.»
32 Nuko Yefuta aja kurwana n’Abamoni, maze Yehova aramufasha kubatsinda. 33 Arabica inganda ziratikira, kuva i Aroweri gushika i Miniti, atsinda ibisagara 20. Arabandanya gushika i Abeli-Keramimu. Gutyo Abisirayeli banesha Abamoni.
34 Amaherezo Yefuta ashika muhira iwe i Mizipa+. Aza abona umukobwa wiwe asohotse kumusanganira avuza akagoma yongera atamba. Ni we mwana wenyene yari afise. Nta wundi yari afise, yaba umuhungu canke umukobwa. 35 Amukubise ijisho aca yitaburirako impuzu, avuga ati: «Yoo, ewe mukobwa wanje urambabaje*, kuko uwo nemeye gutanga abaye wewe! Narabisezeraniye* Yehova, sinshobora rero kwisubirako+.»
36 Mugabo umukobwa wiwe amubwira ati: «Da, ko wabisezeraniye Yehova, nungire nk’uko wabisezeranye+, kuko Yehova yagufashije kwihora abansi bawe b’Abamoni.» 37 Abandanya kubwira se ati: «Ndagusavye iki kintu: nkundira nje mu misozi mareyo amezi abiri ndi jenyene, ndirire ubusugi bwanje ndi kumwe n’abagenzi banje b’abakobwa*.»
38 Amwishura ati: «Genda.» Nuko aramurungika ajana n’abagenzi biwe mu misozi, amarayo amezi abiri aririra ubusugi bwiwe. 39 Amezi abiri aheze, agaruka kwa se hanyuma se ashitsa ivyo yaraganye ku bijanye n’umukobwa wiwe+. Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo. Nuko ibi biba umugenzo* muri Isirayeli: 40 ku mwaka ku mwaka, abigeme bo muri Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umunyagileyadi, imisi ine mu mwaka.