ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abacamanza: ibirimwo

      • Bomora umucamanza Yefuta, mu nyuma akaba umukuru (1-11)

      • Ivyo Yefuta yasiguriye umwami w’Abamoni (12-28)

      • Indagano ya Yefuta. Umukobwa wa Yefuta (29-40)

        • Uwo mukobwa ntiyigeze arongorwa (38-40)

Abacamanza 11:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 12:7; 1Sm 12:11; Heb 11:32

Abacamanza 11:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2016, rup. 6

Abacamanza 11:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 8

Abacamanza 11:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 10:17

Abacamanza 11:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 11:2

Abacamanza 11:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 10:18

Abacamanza 11:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 9

Abacamanza 11:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Yehova niyumvirize hagati yacu.»

Abacamanza 11:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 10:17; 11:34

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2016, rup. 6-7

Abacamanza 11:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 38

Abacamanza 11:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:23, 24
  • +Gh 21:26
  • +Gus 3:16, 17

Abacamanza 11:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 37; Gus 2:9
  • +Gus 2:19, 37

Abacamanza 11:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 14:25
  • +Gh 20:1

Abacamanza 11:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 36:1; Gh 20:14; Gus 2:4
  • +It 19:36, 37
  • +Gh 20:22

Abacamanza 11:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:4
  • +Gh 21:11
  • +Gh 21:13

Abacamanza 11:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:21-26; Gus 2:26, 27

Abacamanza 11:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 2:32, 33

Abacamanza 11:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:15, 21

Abacamanza 11:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 2:36

Abacamanza 11:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Neh 9:22

Abacamanza 11:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 11:7
  • +Kv 23:28; 34:11; Gh 33:53; Gus 9:5; 18:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 9

Abacamanza 11:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 22:2, 3; Yos 24:9

Abacamanza 11:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «tuhakikuje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 21:25
  • +Gh 21:26

Abacamanza 11:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 33:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 9

Abacamanza 11:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Mizipe.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 3:9, 10; Zk 4:6
  • +Abc 10:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 9

Abacamanza 11:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 23:21

Abacamanza 11:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 1:11
  • +1Sm 1:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2017, rup. 4-5

    Ivyigwa dukura muri Bibiliya, rup. 88-89

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2016, rup. 7-8

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2008, rup. 7-8

    15/8/2007, rup. 19

    15/5/2007, rup. 9-10

    15/1/2005, rup. 26

Abacamanza 11:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 10:17; 11:11

Abacamanza 11:35

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «utumye manuka hasi.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «narateranuriye akanwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 30:2; Zb 15:4; Ums 5:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2017, rup. 4-5

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2016, rup. 7-8

Abacamanza 11:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 11:30, 31

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2016, rup. 8-9

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 10

Abacamanza 11:37

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ndirane n’abagenzi banje kuko ntazokwigera ndongorwa.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2017, rup. 4-5

Abacamanza 11:39

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «itegeko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 1:22, 24

Abacamanza 11:40

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2007, rup. 10

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Abac. 11:1Abc 12:7; 1Sm 12:11; Heb 11:32
Abac. 11:4Abc 10:17
Abac. 11:7Abc 11:2
Abac. 11:8Abc 10:18
Abac. 11:11Abc 10:17; 11:34
Abac. 11:12It 19:36, 38
Abac. 11:13Gh 21:23, 24
Abac. 11:13Gh 21:26
Abac. 11:13Gus 3:16, 17
Abac. 11:15It 19:36, 37; Gus 2:9
Abac. 11:15Gus 2:19, 37
Abac. 11:16Gh 14:25
Abac. 11:16Gh 20:1
Abac. 11:17It 36:1; Gh 20:14; Gus 2:4
Abac. 11:17It 19:36, 37
Abac. 11:17Gh 20:22
Abac. 11:18Gh 21:4
Abac. 11:18Gh 21:11
Abac. 11:18Gh 21:13
Abac. 11:19Gh 21:21-26; Gus 2:26, 27
Abac. 11:20Gus 2:32, 33
Abac. 11:21Yos 13:15, 21
Abac. 11:22Gus 2:36
Abac. 11:23Neh 9:22
Abac. 11:241Bm 11:7
Abac. 11:24Kv 23:28; 34:11; Gh 33:53; Gus 9:5; 18:12
Abac. 11:25Gh 22:2, 3; Yos 24:9
Abac. 11:26Gh 21:25
Abac. 11:26Gh 21:26
Abac. 11:27Yes 33:22
Abac. 11:29Abc 3:9, 10; Zk 4:6
Abac. 11:29Abc 10:17
Abac. 11:30Gus 23:21
Abac. 11:311Sm 1:11
Abac. 11:311Sm 1:24
Abac. 11:34Abc 10:17; 11:11
Abac. 11:35Gh 30:2; Zb 15:4; Ums 5:4
Abac. 11:36Abc 11:30, 31
Abac. 11:391Sm 1:22, 24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abacamanza 11:1-40

Abacamanza

11 Yefuta+ Umunyagileyadi yari umurwanyi w’intwari. Se yitwa Gileyadi, akaba yamuvyaranye n’umumaraya. 2 Mugabo umugore wa Gileyadi na we nyene amuvyarira abahungu. Abo bahungu bamaze gukura baca bomora Yefuta, bamubwira bati: «Nta co uzotorana mu rugo rwa dawe, kuko uvuka ku wundi mugore.» 3 Yefuta aca ahunga benewabo aja kuba i Tobu. Maze abagabo batagira ico bakora bifatanya na Yefuta, aba indongozi yabo.

4 Haciye igihe, Abamoni batera Abisirayeli+. 5 Abashingantahe b’i Gileyadi babonye ko Abamoni bateye Abisirayeli, ubwo nyene baca baja kurondera Yefuta i Tobu. 6 Bamubwira bati: «Ingo utubere umukomanda, kugira turwanye Abamoni.» 7 Mugabo Yefuta abwira abashingantahe b’i Gileyadi ati: «Si mwe mwanyanse mukanyomora mu rugo rwa dawe+? Kubera iki none muje kundondera ubu muri mu marushwa?» 8 Abo bashingantahe baca babwira Yefuta bati: «Ni co gitumye tugaruka iwawe. Niwajana natwe kurwanya Abamoni, uca uba umukuru* w’ababa i Gileyadi bose+.» 9 Yefuta na we abishura ati: «Nimwangarukana kugira ndwanye Abamoni, kandi Yehova akamfasha kubatsinda, nzoheza mbe umukuru wanyu.» 10 Abashingantahe b’i Gileyadi bamwishura bati: «Yehova azotubere icabona* nitutabigira nk’uko ubivuze.» 11 Yefuta rero ajana n’abashingantahe b’i Gileyadi maze abantu bamugira umukuru wabo n’umukomanda wabo. Nuko ivyo Yefuta yari yavuze vyose abisubiramwo imbere ya Yehova i Mizipa+.

12 Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami w’Abamoni+ ati: «Dupfa iki* ko uje gutera igihugu canje?» 13 Umwami w’Abamoni aca yishura izo ntumwa za Yefuta ati: «Nje kugutera kubera ko igihe Abisirayeli bava mu Misiri batwaye igihugu canje+, kuva ku ruzi Arunoni+ gushika ku ruzi Yaboki no kuri Yorodani+. Nuhansubize rero ku neza.» 14 Mugabo Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami w’Abamoni 15 ngo bamubwire bati:

«Yefuta avuze ati: “Abisirayeli nta gihugu c’Abanyamowabu+ n’ic’Abamoni batwaye+, 16 kuko igihe bava mu Misiri, baciye mu bugaragwa gushika ku kiyaga Gitukura+ babona gushika i Kadeshi+. 17 Maze Abisirayeli batuma intumwa ku mwami wa Edomu+ bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu aranka. Batuma n’intumwa ku mwami wa Mowabu+, ariko ntiyemera. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi+. 18 Igihe bashishikara urugendo mu bugaragwa, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’ica Mowabu. Baciye mu buseruko bwa Mowabu+ maze bakambika mu karere ka Arunoni. Ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko uruzi Arunoni rwari rwo rubibe.

19 Inyuma y’aho, Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe kugira tubandanye iyo turiko turaja+.’ 20 Mugabo Sihoni ntiyemera ko Abisirayeli bashaka kurengana gusa mu karere kiwe. Akoranya rero ingabo ziwe zose maze akambika i Yahazi atera Abisirayeli+. 21 Yehova Imana ya Isirayeli aca afasha Abisirayeli gutsinda Sihoni n’ingabo ziwe zose, barabanesha. Abisirayeli baraheza bigarurira ahantu hose Abamori baba muri ako karere+. 22 Ukwo ni ko bigaruriye akarere kose k’Abamori, guhera kuri Arunoni gushika kuri Yaboki no guhera mu bugaragwa gushika kuri Yorodani+.

23 Yehova Imana y’Abisirayeli ni we yomoye Abamori ngo babise abantu biwe+. None ugomba kubomora? 24 Mbega ivyo imana yawe Kemoshi+ iguhaye ntibica biba rwawe? Natwe uwo wese Yehova Imana yacu yomoye ngo atubise, ni we twomora+. 25 None wewe uruta Balaki+ mwene Zipori, umwami wa Mowabu? Yoba yarigeze agiranira amatati n’Abisirayeli canke ngo abarwanye? 26 Ko Abisirayeli bamaze imyaka 300 baba i Heshiboni no mu dusagara tuhegukira*+, n’i Aroweri no mu dusagara tuhegukira, no mu bisagara vyose biri ku nkombe za Arunoni, kubera iki utigeze ugerageza kuhagaruza muri ico gihe+? 27 Jewe nta kibi nagukoreye, yamara wewe ugize nabi kuza kuntera. Yehova Umucamanza+ naruce hagati y’Abisirayeli n’Abamoni.”»

28 Mugabo umwami w’Abamoni yirengagiza ivyo Yefuta yamutumyeko.

29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca mu karere ka Gileyadi n’aka Manase yerekeza i Mizipa* h’i Gileyadi+. Hanyuma ava aho i Mizipa aguma agenda gushika ku Bamoni.

30 Maze Yefuta araganira+ Yehova ati: «Niwamfasha gutsinda Abamoni 31 nkagaruka amahoro mvuye kurwana na bo, uwuzova mu nzu yanje aje kunsanganira azoba uwa Yehova+. Nzomutanga nk’ishikanwa riturirwa+.»

32 Nuko Yefuta aja kurwana n’Abamoni, maze Yehova aramufasha kubatsinda. 33 Arabica inganda ziratikira, kuva i Aroweri gushika i Miniti, atsinda ibisagara 20. Arabandanya gushika i Abeli-Keramimu. Gutyo Abisirayeli banesha Abamoni.

34 Amaherezo Yefuta ashika muhira iwe i Mizipa+. Aza abona umukobwa wiwe asohotse kumusanganira avuza akagoma yongera atamba. Ni we mwana wenyene yari afise. Nta wundi yari afise, yaba umuhungu canke umukobwa. 35 Amukubise ijisho aca yitaburirako impuzu, avuga ati: «Yoo, ewe mukobwa wanje urambabaje*, kuko uwo nemeye gutanga abaye wewe! Narabisezeraniye* Yehova, sinshobora rero kwisubirako+.»

36 Mugabo umukobwa wiwe amubwira ati: «Da, ko wabisezeraniye Yehova, nungire nk’uko wabisezeranye+, kuko Yehova yagufashije kwihora abansi bawe b’Abamoni.» 37 Abandanya kubwira se ati: «Ndagusavye iki kintu: nkundira nje mu misozi mareyo amezi abiri ndi jenyene, ndirire ubusugi bwanje ndi kumwe n’abagenzi banje b’abakobwa*.»

38 Amwishura ati: «Genda.» Nuko aramurungika ajana n’abagenzi biwe mu misozi, amarayo amezi abiri aririra ubusugi bwiwe. 39 Amezi abiri aheze, agaruka kwa se hanyuma se ashitsa ivyo yaraganye ku bijanye n’umukobwa wiwe+. Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo. Nuko ibi biba umugenzo* muri Isirayeli: 40 ku mwaka ku mwaka, abigeme bo muri Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umunyagileyadi, imisi ine mu mwaka.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika