Abatesalonika ba kabiri
2 Ariko ku bijanye n’igihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu Kristu+ be n’ugukoranirizwa hamwe ngo tube kumwe na we+, turabasavye bavukanyi 2 ngo ivyiyumviro vyanyu ntibihungabane* ningoga canke ngo muhagarike umutima kubera amajambo ahumetswe*+ canke ubutumwa bwo ku munwa canke ikete risa n’irivuye iwacu, bivuga ko umusi wa Yehova*+ umaze gushika.
3 Ntihagire uwubazimiza* mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoza hatabanje kuba kwa guheba Imana*+ na wa mugarariji+ agahishurwa, wa mwana wo kuranduka+. 4 Ni umwansi kandi yishira hejuru y’icitwa imana cose canke ikintu gisengwa, ku buryo yicara mu rusengero rw’Imana, akiyerekana ku mugaragaro ko ari imana. 5 Ntimwibuka yuko ivyo bintu nahora ndabibabwira nkiri kumwe namwe?
6 Kandi ubu murazi uwubera intambamyi uwo mugarariji kugira ngo azohishurwe mu gihe ciwe. 7 Ego ni ko, ububasha bw’amayobera bw’uwo mugarariji buramaze gutangura gukora+, mugabo ni gushika uwumubereye intambamyi muri iki gihe avuyeho. 8 Nya mugarariji azoheza ahishurwe vy’ukuri, Umukama Yezu akaba azomukuzaho impwemu iva mu kanwa kiwe+, amuhindure ubusa igihe azokwerekana+ ko yagarutse*. 9 Mugabo uwo mugarariji ariho kubera ububasha bwa Shetani+, kandi akora ubwoko bwose bw’ibikorwa vy’ububasha n’ibimenyetso vy’ububeshi be n’ibitangaza vy’ububeshi+, 10 agakoresha n’ibintu vyose bitagororotse ngo ahende+ abariko baja mu mahonero. Iyo ni yo mpembo yabo kubera ko banse gukunda ukuri ngo bakizwe. 11 Ni co gituma Imana ireka bakazimizwa n’ibinyoma kugira bemere amajambo y’ububeshi+ 12 maze bose bacirwe urubanza kubera batemeye ukuri, mugabo bagahimbarirwa ibitagororotse.
13 Ariko ntitworeka kwama dushimira Imana ku biberekeye, yemwe bavukanyi bakundwa na Yehova*, kuko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango kugira muronke ubukiriro. Ivyo yabigize mu kubeza+ biciye ku mpwemu yayo no kubera mwizera ukuri. 14 Ivyo ni vyo yabahamagariye biciye ku nkuru nziza tumenyesha, kugira ngo muronke ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 15 Nuko rero bavukanyi, muhagarare mushikamye+ kandi mugumye ivyo* mwigishijwe+ biciye ku butumwa bwo ku munwa canke kw’ikete ryacu. 16 Vyongeye, Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana ari yo Data wa twese, yadukunze+ ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera n’icizigiro ciza+ biciye ku buntu buhebuje*, 17 bahoze imitima yanyu bongere batume mushikama* ngo mugume mukora ivyiza, mu mvugo no mu ngiro.