Yohani wa gatatu
1 Jewe umukurambere*, ndakwandikiye wewe Gayo umuvukanyi wanje nkunda cane.
2 Muvukanyi nkunda, nsenga nsaba ko wororanirwa muri vyose kandi ukagira amagara meza, nk’uko nyene bimeze ubu. 3 Naranezerewe cane igihe abavukanyi baza bagashinga intahe yuko ugumije ukuri be n’uko ubandanya kukugenderamwo+. 4 Nta kindi contera umunezero* kuruta kwumva yuko abana banje babandanya kugendera mu kuri+.
5 Muvukanyi nkunda, ivyo ukorera abavukanyi naho woba utabazi, birerekana ko uri umwizigirwa+. 6 Barashinze intahe imbere y’ishengero ko ukundana. Ndakwinginze rero ubarungike mu buryo bushimwa n’Imana+. 7 Kuko izina ryayo ari ryo ryatumye bafata ingendo, bakagenda ata co biteze guhabwa+ n’abanyamahanga. 8 Tubwirizwa rero kwakira neza abantu mwene abo+, kugira dufashanye guteza imbere ukuri+.
9 Hari ikintu nandikiye ishengero, ariko Diyotirefe, umwe akunda kwishira imbere muri bo+, nta kintu na kimwe yubaha mu vyo tuvuga+. 10 Ni co gituma ninaza, nzoshira ahabona ivyo akora mu kutuvuga nabi+. Si ivyo gusa, aranka no kwakirana icubahiro abavukanyi+, ahubwo n’abashaka kubakira arababuza, akabirukana mw’ishengero.
11 Muvukanyi nkunda, ntiwigane ikibi, ahubwo niwigane iciza+. Uwukora iciza aba akomoka ku Mana+. Uwukora ikibi ntaba yarabonye Imana+. 12 Abavukanyi bose baravuga neza Demetiriyo kandi n’ukuri kuramushingira intahe. Na twebwe nyene turamushingira intahe, kandi urazi ko intahe tumushingira ari iy’ukuri.
13 Nari mfise ibintu vyinshi nokwandikira, ariko sinipfuza kubandanya kubikwandikira nkoresheje ikaramu n’irangi. 14 Nizigiye kukubona vuba, tukavugana amaso mu yandi.
Ugire amahoro.
Abagenzi b’ino barakuramutsa. Undamukirize abagenzi bo hiyo, umwumwe wese ukwiwe*.