ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 28
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ivyakozwe: ibirimwo

      • Bashika ku nkengera y’izinga ryitwa Malita (1-6)

      • Pawulo akiza se wa Pubiliyo (7-10)

      • Pawulo aja i Roma (11-16)

      • Pawulo avugana n’Abayuda b’i Roma (17-29)

      • Amara imyaka ibiri avuga inkuru nziza n’ubutinyutsi (30, 31)

Ivyakozwe 28:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 27:26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 209-210

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2004, rup. 30-31

Ivyakozwe 28:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abantu baho bavuga ururimi runyamahanga.»

  • *

    Canke «ubuntu.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 209-210

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2002, rup. 16

Ivyakozwe 28:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 210

Ivyakozwe 28:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abantu baho bavuga ururimi runyamahanga.»

  • *

    Mu kigiriki ni Dike. Iryo jambo rishobora kuba ryerekeza ku manakazi ishitsa ubutungane mu kwihora canke rigasobanura ubutungane muri rusangi.

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2015, rup. 9

    Nushinge intahe, rup. 210

Ivyakozwe 28:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 210

Ivyakozwe 28:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 210

Ivyakozwe 28:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 4:38, 39

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 210

Ivyakozwe 28:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 10:8

Ivyakozwe 28:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku mpanza.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2009, rup. 9

    Nushinge intahe, rup. 211

Ivyakozwe 28:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 211

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2007, rup. 30

Ivyakozwe 28:13

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 211

Ivyakozwe 28:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 211-212

Ivyakozwe 28:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «agira umutima rugabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 1:3, 4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    11/2020, rup. 16-17

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2010, rup. 11

    15/10/2006, rup. 14, 16-17

    15/12/2004, rup. 16-17

    Nushinge intahe, rup. 212-213

Ivyakozwe 28:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2013, rup. 14

    Nushinge intahe, rup. 213

Ivyakozwe 28:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 24:11, 12; 25:8
  • +Ivk 21:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 213-214

Ivyakozwe 28:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 24:10
  • +Ivk 23:26, 29; 25:24, 25; 26:31, 32

Ivyakozwe 28:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 25:11, 12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 213-214

Ivyakozwe 28:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 23:6; 26:6; Ef 6:19, 20; 2Tm 1:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 214

Ivyakozwe 28:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 213-214

Ivyakozwe 28:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 24:14
  • +Lk 2:34; Yoh 15:19

Ivyakozwe 28:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «binogangije.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 17:2, 3
  • +Yoh 5:46
  • +Ivk 26:22, 23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2012, rup. 12-13

    Nushinge intahe, rup. 215

Ivyakozwe 28:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2003, rup. 22-23

Ivyakozwe 28:25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 215

Ivyakozwe 28:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 11:8

Ivyakozwe 28:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:9, 10; Mt 13:14, 15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 215

Ivyakozwe 28:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 3:4, 6; Ivk 13:45, 46; 22:21; Rm 11:11
  • +Zb 67:2; 98:3; Yes 11:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 215

Ivyakozwe 28:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A3.

Ivyakozwe 28:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 28:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2013, rup. 14-15

    15/1/2007, rup. 32

    Nushinge intahe, rup. 216-217

Ivyakozwe 28:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubutinyutsi bwose.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ef 6:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2013, rup. 14-15

    15/1/2007, rup. 32

    15/5/2006, rup. 14

    Nushinge intahe, rup. 216-217

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ivyak. 28:1Ivk 27:26
Ivyak. 28:8Lk 4:38, 39
Ivyak. 28:9Mt 10:8
Ivyak. 28:152Kr 1:3, 4
Ivyak. 28:17Ivk 24:11, 12; 25:8
Ivyak. 28:17Ivk 21:33
Ivyak. 28:18Ivk 24:10
Ivyak. 28:18Ivk 23:26, 29; 25:24, 25; 26:31, 32
Ivyak. 28:19Ivk 25:11, 12
Ivyak. 28:20Ivk 23:6; 26:6; Ef 6:19, 20; 2Tm 1:16
Ivyak. 28:22Ivk 24:14
Ivyak. 28:22Lk 2:34; Yoh 15:19
Ivyak. 28:23Ivk 17:2, 3
Ivyak. 28:23Yoh 5:46
Ivyak. 28:23Ivk 26:22, 23
Ivyak. 28:26Rm 11:8
Ivyak. 28:27Yes 6:9, 10; Mt 13:14, 15
Ivyak. 28:28Lk 3:4, 6; Ivk 13:45, 46; 22:21; Rm 11:11
Ivyak. 28:28Zb 67:2; 98:3; Yes 11:10
Ivyak. 28:30Ivk 28:16
Ivyak. 28:31Ef 6:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ivyakozwe 28:1-31

Ivyakozwe n’intumwa

28 Tumaze gushika ahatagira inkomanzi, twaciye tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita+. 2 Abantu baho* baratweretse umutima mwiza* w’akataraboneka. Baraducaniye umuriro bongera batwakira neza twese, kuko imvura yariko iragwa kandi hakaba hari imbeho. 3 Mugabo igihe Pawulo yegeranya umuganda w’inkwi akazishira ku muriro, haciye hasokorokamwo imamba kubera ubushuhe, ica imata ku kuboko kwiwe. 4 Aho abantu baho* baboneye iyo nzoka y’ubumara yenena ku kuboko kwiwe, batangura kubwirana bati: «Ni ukuri uyu muntu ni umwicanyi. Naho yashoboye gukira ikiyaga, ubutungane* ntibwamukundiye kubandanya kubaho.» 5 Ariko Pawulo akunkumurira iyo nzoka mu muriro, ntihagira ico aba. 6 Bobo bari biteze ko avyimba canke akagwa bukumbi. Bamaze umwanya muremure barindiriye bakabona nta co abaye, baca bahindura ivyiyumviro batangura kuvuga ko ari imana.

7 Mu micungararo y’aho hantu, hari amatongo yegukira umukuru w’iryo zinga yitwa Pubiliyo. Yaratwakiriye adufata neza imisi itatu. 8 Se wa Pubiliyo yari ku musego arembejwe n’inyonko n’amacinya, hanyuma Pawulo yinjira iwe arasenga, amurambikako ibiganza aramukiza+. 9 Inyuma y’ivyo, abandi bantu bo muri iryo zinga bari barwaye na bo nyene batangura kuza, Pawulo arabakiza+. 10 Baranaduteye iteka batugabira ibintu vyinshi, kandi igihe twurira ubwato, baradutekereye ibintu vyose twari dukeneye.

11 Haciye amezi atatu, twaciye dufata ubwato bwariko igishusho ca «bene Zeyu» ku gice cabwo c’imbere*. Bwari ubwato bw’i Alegizandiriya bukaba bwari bumaze urushana muri iryo zinga. 12 Nuko turagenda duhagarara ku kivuko i Sirakuza, tuhamara imisi itatu. 13 Maze tuva ng’aho turabandanya dushika i Regiyo. Haciye umusi umwe, havumbuka umuyaga wo mu bumanuko, hanyuma dushika i Puteyoli ku musi ugira kabiri. 14 Aho twahasanze abavukanyi, baratwinginga ngo tugumane imisi indwi. Inyuma y’aho turagenda tugana i Roma. 15 Abavukanyi b’i Roma bumvise ko turi mu nzira, baraza gushika ku kaguriro ka Apiyo n’ahitwa Uburaro butatu ngo badusanganire. Pawulo ababonye, akengurukira Imana, yumva araremye*+. 16 Tumaze gushika i Roma, Pawulo yemererwa kwibana mu nzu ari kumwe n’umusoda amucunze.

17 Ariko haciye imisi itatu, atumako abantu bakurubakuru bo mu Bayuda. Bamaze gukorana, ababwira ati: «Bagabo benewacu, naho ata kibi nakoreye ihanga ryacu canke ngo nkore ibiteye kubiri n’imigenzo ya ba sogokuruza+, naragizwe imbohe i Yeruzalemu maze nshikirizwa Abaroma+. 18 Bamaze kunsambisha+, barashatse kundekura kuko ata mvo yari ihari yotuma nicwa+. 19 Mugabo Abayuda bavyanse, vyaciye biba ngombwa ko nungururiza kwa Sezari+. Ariko sinabigize kubera hari ico nashaka kwagiriza ihanga ryacu. 20 Ni co gituma nasavye ko tubonana ngo tuganire, kuko mboheshejwe uyu munyororo kubera icizigiro ca Isirayeli+.» 21 Bamubwira bati: «Nta makete atubwira ivyawe twaronse avuye i Yudaya, kandi muri benewacu bose baje bavayo, nta n’umwe yatumenyesheje canke ngo avuge ikintu kibi ku bikwerekeye. 22 Mugabo twibaza ko vyoba vyiza twumvise ivyo wewe ubwawe utubwira, kuko tuzi ko ako kagwi k’idini+ kavugwa nabi hose+.»

23 Baca bahana isango bazohurirako, hanyuma baza aho yaba ari benshi kuruta. Nuko kuva mu gitondo gushika ku mugoroba, abasigurira ivyo bintu mu kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ashinga intahe bimwe bishitse*. Yabigize kugira abajijure ngo bemere Yezu+, afatiye ku mategeko ya Musa+ no ku vyanditswe n’abahanuzi+. 24 Bamwe batangura kwemera ivyo avuga, abandi ntibavyemera. 25 Kubera ko batari bumvikanye, batangura kugenda. Pawulo aca ababwira iri jambo rimwe ati:

«Impwemu nyeranda ntiyihenze mu kubwira ba sogokuruza banyu biciye ku muhanuzi Yesaya iti: 26 “Genda ubwire aba bantu uti: ‘Muzokwumva ariko nta na kimwe muzotahura, muzokwitegereza ariko nta na kimwe muzobona+. 27 Kuko umutima w’aba bantu udadaraye. Barizivye amatwi bongera barihuma amaso, kugira ntibigere barabisha amaso yabo canke ngo bumvishe amatwi yabo kugira umutima wabo utahure, baheze bahindukire maze ndabakize+.’” 28 Nimumenye rero yuko ubu butumwa bw’ubukiriro buva ku Mana bwarungikiwe abo mu mahanga+, kandi ntibazobura kubwumviriza+.» 29* ——

30 Ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu apanze+, kandi yarakira neza abantu bose baza kumuraba. 31 Yarababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana akabigisha n’ivyerekeye Umukama Yezu Kristu, akavugana umwidegemvyo wose*+ ata kimutangira.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika