Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
138 Nzogushemeza n’umutima wanje wose+.
Nzokuririmbira amashemezo
imbere y’izindi mana*.
2 Nzokwunama ntumbereye ku rusengero rwawe rweranda*+,
kandi nzoshemeza izina ryawe+
kubera urukundo* rwawe n’ukudahemuka kwawe.
Kuko washize ijambo ryawe n’izina ryawe* hejuru y’ibindi vyose.
7 Urankingira naho noba ndi mu kaga+.
Ukuboko kwawe kuratangira ishavu ry’abansi banje.
Ukuboko kwawe kw’ukuryo kurankiza.
8 Yehova azoshitsa imigambi yose amfitiye.