Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi.
133 Ese ukuntu bihimbaye kandi ari vyiza
ko abavukana babana mu bumwe+!
2 Ni nk’amavuta meza
asutswe ku mutwe+ wa Aroni,
agashunguruka ku bwanwa bwiwe+,
gushika kw’ikoro y’impuzu ziwe.
3 Ni nk’urume rwo kuri Herumoni+
rumanuka ku misozi y’i Siyoni+.
Aho ni ho Yehova yashinze ko umuhezagiro wiwe uba,
egome, ubuzima budahera.