Samweli wa mbere
30 Ku musi ugira gatatu, Dawidi n’abantu biwe bashika i Sikulagi+. Abamaleki+ bari bagavye igitero mu bumanuko* no mu gisagara ca Sikulagi, basiga bagituriye. 2 Bagiye batwaye abagore+ n’abandi bose babayo, kuva ku muto gushika ku wukuze, babagira imbohe. Nta n’umwe bishe, ariko bagiye babatwaye. 3 Dawidi n’abantu biwe bashitse mu gisagara, basanga caturijwe umuriro. Abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo, bari batwawe ari imbohe. 4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we bararira baraboroga, gushika aho bataba bagishobora kurira. 5 Abagore babiri ba Dawidi na bo nyene bari bajanywe, ni ukuvuga Ahinowamu w’i Yezireli na Abigayili asigwa na Nabali w’i Karumeli+. 6 Dawidi aratuntura cane kubera ko abantu bariko bavuga ko akwiye guterwa amabuye. Abantu bose bari bashavuye cane kubera ko abahungu babo n’abakobwa babo bari bajanywe. Mugabo Dawidi yitura Yehova Imana yiwe, aronka inkomezi+.
7 Dawidi aca abwira umuherezi Abiyatari+ mwene Ahimeleki ati: «Ndagusavye uzane efodi+.» Nuko Abiyatari arayimuzanira. 8 Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nome inyuma abo bambuzi? Ndabahamvya?» Amwishura ati: «Genda ubome inyuma. Urabahamvya ata kabuza, ugaruze n’ivyo batwaye vyose+.»
9 Ubwo nyene Dawidi n’abagabo 600+ bari kumwe na we baca barahafata, baragenda gushika ku mwonga* wa Besori, maze bamwe muri bo basigara ng’aho. 10 Dawidi aguma yoma inyuma ba bambuzi ari kumwe n’abagabo 400, ariko abandi 200 basigara ku mwonga wa Besori, kuko bari barushe cane ku buryo bidakunda ko bajabuka+.
11 Abasoda bari kumwe na Dawidi babona umugabo umwe w’Umunyamisiri mu gahinga, baramumuzanira. Bamuha ivyo kurya n’amazi yo kunywa. 12 Bamuha n’agakate gakozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye n’utundi tubiri dukozwe mu nzabibu zumye. Maze ararya arahembuka kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya ata n’ico anywa. 13 Dawidi aca amubaza ati: «Uri uwo kwa nde? Uva he?» Amwishura ati: «Ndi Umunyamisiri, nkaba ndi umushumba w’umugabo umwe w’Umumaleki. Mugabo databuja yarantaye kuko maze imisi itatu ndwaye. 14 Twaragavye igitero mu bumanuko* bw’akarere k’Abakereti+ no mu Buyuda no mu bumanuko* bw’akarere k’abakomoka kuri Kalebu+. Twaraturiye n’igisagara ca Sikulagi.» 15 Dawidi aca amubwira ati: «Ubona wonjana aho abo bambuzi bari?» Na we ati: «Ndakujanayo niwandahira Imana ko utanyica be n’uko utanshikana kuri databuja.»
16 Nuko aca amujanayo. Abo bambuzi bari bagandagaje irya n’ino, bariko bararya, banywa bongera bigina ibintu vyinshi basahuye mu gihugu c’Abafilisitiya no mu Buyuda. 17 Maze Dawidi ahera mu mutwenzi abica gushika bugorovye. Nta n’umwe muri bo yarokotse+ kiretse abagabo 400 buriye ingamiya bagahunga. 18 Dawidi agaruza ivyo Abamaleki bari batwaye vyose+, abohoza n’abagore biwe babiri. 19 Nta kintu na kimwe ca Dawidi n’abantu biwe cari kibuze, caba gitoyi canke kinini. Baragaruje abahungu babo n’abakobwa babo n’ivyo abambuzi bari basahuye+. Ikintu cose bari batwaye, Dawidi yarakigaruje. 20 Dawidi atwara amasho yose y’abo bambuzi, maze abantu biwe bagenda bayashoreye imbere y’ibitungwa vyabo bari bagaruje. Bavuga bati: «Iri ni isahu rya Dawidi.»
21 Hanyuma Dawidi ashika kuri ba bagabo 200 bari barushe bikanka ko bajana na we, bagasigara hakurya y’umwonga wa Besori+. Babonye Dawidi n’abari kumwe na we, baza kubasanganira. Dawidi abashikiriye, ababaza uko bamerewe. 22 Ariko mu bari bajanye na Dawidi, harimwo abagabo b’umutima mubi kandi b’imburakimazi. Bavuga bati: «Ko batajanye natwe, nta na kimwe tubaha ku vyo twasahuye. Umwe wese atora gusa umugore wiwe n’abana biwe, ace agenda.» 23 Mugabo Dawidi ababwira ati: «Ntimugire gutyo benewacu, kuko ibi bintu ari Yehova yabiduhaye. Ni we yadukingiye yongera adufasha gutsinda abambuzi bari baduteye+. 24 Ivyo muvuga ntibishoboka. Uwagiye ku rugamba n’uwasigaranye imizigo baronka ibingana+. Nta mwana n’ikinono+.» 25 Kuva kuri uwo musi ashinga ko ari ukwo bikwiye kwama bigenda. Biba itegeko muri Isirayeli gushika n’uyu musi.
26 Dawidi agarutse i Sikulagi, aca atora ku vyo basahuye, abirungikira abashingantahe bo mu Buyuda b’abagenzi biwe. Ababwira ati: «Nimwakire ingabire* ivuye ku vyo twasahuye abansi ba Yehova.» 27 Abirungikira ab’i Beteli+, ab’i Ramoti mu karere ka Negebu*, ab’i Yatiri+, 28 ab’i Aroweri, ab’i Sifumoti, ab’i Eshitemowa+, 29 ab’i Rakali, abo mu bisagara vy’Abayerameyeli+, abo mu bisagara vy’Abakeni+, 30 ab’i Horuma+, ab’i Borashani, ab’i Ataki, 31 ab’i Heburoni+, n’ahandi hose Dawidi n’abantu biwe baciye.