ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Urupfu rwa Abiya (1)

      • Asa, umwami w’Ubuyuda (2-8)

      • Asa atsinda Abanyetiyopiya 1.000.000 (9-15)

2 Ngoma 14:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:9

2 Ngoma 14:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 7:5
  • +Kv 23:24
  • +1Bm 14:22, 23; 2Bm 18:1, 4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2009, rup. 12

2 Ngoma 14:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 34:1, 4

2 Ngoma 14:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 11:5
  • +2Ng 15:15; Img 16:7

2 Ngoma 14:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imiryango igizwe n’inzugi zibirizibiri.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:2, 5
  • +Zb 127:1

2 Ngoma 14:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «guhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 11:1, 12; 13:3

2 Ngoma 14:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:8
  • +Yos 15:20, 44; 2Ng 11:5, 8

2 Ngoma 14:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «baba ari benshi.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «twishimikije.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 14:10; 1Ng 5:20; 2Ng 32:20
  • +Abc 7:7; 1Sm 14:6
  • +2Ng 13:12; 32:7, 8
  • +1Sm 17:45; Zb 20:5; Img 18:10
  • +Yos 7:9; Zb 9:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 8-9

2 Ngoma 14:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:7

2 Ngoma 14:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 14:12Sm 5:9
2 Ngo. 14:3Gus 7:5
2 Ngo. 14:3Kv 23:24
2 Ngo. 14:31Bm 14:22, 23; 2Bm 18:1, 4
2 Ngo. 14:52Ng 34:1, 4
2 Ngo. 14:62Ng 11:5
2 Ngo. 14:62Ng 15:15; Img 16:7
2 Ngo. 14:72Ng 32:2, 5
2 Ngo. 14:7Zb 127:1
2 Ngo. 14:82Ng 11:1, 12; 13:3
2 Ngo. 14:92Ng 16:8
2 Ngo. 14:9Yos 15:20, 44; 2Ng 11:5, 8
2 Ngo. 14:11Kv 14:10; 1Ng 5:20; 2Ng 32:20
2 Ngo. 14:11Abc 7:7; 1Sm 14:6
2 Ngo. 14:112Ng 13:12; 32:7, 8
2 Ngo. 14:111Sm 17:45; Zb 20:5; Img 18:10
2 Ngo. 14:11Yos 7:9; Zb 9:19
2 Ngo. 14:12Gus 28:7
2 Ngo. 14:13It 20:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 14:1-15

Ngoma za kabiri

14 Maze Abiya arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Asa aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Ku ntwaro yiwe, igihugu camaze imyaka cumi kiri mu mahoro*.

2 Asa yakoze ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari vyiza kandi bigororotse. 3 Yarakuyeho ibicaniro vy’imana z’inyamahanga+ n’ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana*, amenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, yicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. 4 Vyongeye, abwira abo mu Buyuda ngo barondere Yehova Imana ya ba sekuruza, bongere bakurikize amategeko yiwe n’amabwirizwa yiwe. 5 Mu bisagara vyose vyo mu Buyuda akuraho ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* n’ibicaniro baturirirako imibavu+. Ku ntwaro yiwe, ubwami bwagumye butekanye. 6 Yubaka ibisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda+ kubera ko mu gihugu hari umutekano. Muri iyo myaka nta baje kumutera kuko Yehova yamuhaye amahoro*+. 7 Yabwiye abo mu Buyuda ati: «Twubake ibi bisagara maze tubikikuze inzitiro n’iminara+, amarembo* n’ivyugazo. Igihugu kiracari mu minwe yacu kuko twarondeye Yehova Imana yacu. Twaramurondeye, na we aduha amahoro* impande zose.» Nuko barubaka, bigenda neza+.

8 Asa yari afise abasoda 300.000 bava mu Buyuda, bitwaza inkinzo zagutse n’amacumu. Yari afise n’abarwanyi b’intwari 280.000 bava mu karere ka Benyamini, bitwaza inkinzo ntonto* kandi bazi gukoresha umuheto*+.

9 Mu nyuma Umunyetiyopiya yitwa Zera aza kubatera ari kumwe n’abasoda 1.000.000 n’imikogote 300+. Bageze i Maresha+, 10 Asa aja kumurwanya. Maze batonda urugamba mu mubande wa Zefata, aho i Maresha. 11 Asa aca atabaza Yehova Imana yiwe+ ati: «Ewe Yehova, urashoboye gutabara abantu, baba bafise inkomezi* canke badafise inkomezi+. Ewe Yehova Mana yacu, dufashe kuko ari wewe twizigiye*+, kandi tuje kurwanya iri sinzi mw’izina ryawe+. Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi+.»

12 Maze Yehova atuma Abanyetiyopiya batsindwa na Asa n’ingabo z’Ubuyuda, barata barahunga+. 13 Asa n’ingabo ziwe barabakurikira gushika i Gerari+. Bagenda barabica gushika aho ata Munyetiyopiya n’umwe asigara ari muzima, kuko Yehova n’ingabo ziwe babishe barabageseza. Maze ingabo z’Ubuyuda zisahura ibintu vyinshi cane. 14 Izo ngabo zitera n’ibisagara vyose vyo mu micungararo ya Gerari, kuko abaho bari batekewe n’ubwoba buvuye kuri Yehova. Ziraheza zisahura ivyo bisagara vyose kuko hariyo ibintu vyinshi vyo gusahura. 15 Zitera n’amahema y’abantu bafise ibitungwa, zinyaga amasho menshi n’ingamiya, hanyuma zisubira i Yeruzalemu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika