136 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
2 Nimukengurukire ya Mana iruta izindi mana+,
kuko urukundo rwayo rwamaho ibihe vyose.
3 Nimukengurukire wa Mukama w’abakama,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
4 Ni we wenyene akora ibintu vy’agatangaza+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
5 Yaremye ijuru abigiranye ubuhanga+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
6 Yateretse isi hejuru y’amazi+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
7 Yakoze ibimuri bininibinini+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
8 izuba kugira ryake ku murango+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
9 hamwe n’ukwezi n’inyenyeri kugira vyake mw’ijoro+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
10 Yarishe imfura zo mu Misiri+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
11 Yakuye Abisirayeli mu Misiri+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
12 akoresheje ukuboko kwiwe gukomeye+ kandi kw’ububasha,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
13 Yaciyemwo kubiri ikiyaga Gitukura+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
14 Yacishije Abisirayeli hagati muri co+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
15 Yakunkumuriye Farawo n’ingabo ziwe mu kiyaga Gitukura+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
16 Yarayoboye abantu biwe mu bugaragwa+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
17 Yaratikije abami bahambaye+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
18 Yarishe abami bakomeye,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
19 Sihoni+ umwami w’Abamori,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
20 hamwe na Ogi+ umwami wa Bashani,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
21 Yaratanze igihugu cabo ngo kibe intoranwa+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
22 intoranwa ya Isirayeli umusavyi wiwe,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
23 Yaratwibutse igihe twari tugeze habi+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
24 Yagumye adukiza abansi bacu+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
25 Aronsa ibifungurwa igifise ubuzima cose+,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
26 Nimushimire Imana yo mw’ijuru,