28 Ababisha barahunga ata wuriko arabirukana,
ariko abagororotsi baratekanye nka kurya kw’intambwe+.
2 Iyo abantu batubahiriza amategeko, abategetsi baguma bakurakuranwa+,
ariko iyo umutegetsi afise umuhanuzi atahura kandi akerebutse, ubutegetsi bwiwe buraramba+.
3 Umukene azuruma abantu batobato+
ameze nk’imvura ikukumura ibiterwa vyose.
4 Abantu batubaha amategeko bahayagiza umubisha,
ariko abakurikiza amategeko baca babashavurira+.
5 Ababisha ntibatahura ubutungane ico ari co,
ariko abarondera Yehova baratahura ibintu vyose+.
6 Umukene agendera mu gutungana
aruta umutunzi agendera mu nzira mbi+.
7 Umwana aciye ubwenge agamburuka amategeko,
ariko uwugendana n’abakunzi b’inda amaramaza se+.
8 Uwongereza itunga ryiwe mu gusaba abandi inyungu+ y’umurengera,
aba ariko aryegeraniriza uwufasha abakene+.
9 Uwanka kugamburuka itegeko,
mbere n’isengesho ryiwe rirashisha Imana+.
10 Uwuzimiza abagororotsi ngo baje mu nzira mbi, azogwa mu cobo yimvye+,
ariko abantu b’intungane bazotorana ivyiza+.
11 Umutunzi yibwira ko ari umunyabwenge+,
ariko umukene afise ugutahura arabona ico ari vy’ukuri+.
12 Iyo abagororotsi batsinze, haba umunezero mwinshi,
ariko iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza+.
13 Uwunyegeza ibicumuro vyiwe ntazororanirwa+,
ariko uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa ikigongwe+.
14 Hahiriwe umuntu yama yiyubara,
ariko uwukomantaza umutima wiwe azogwa mu vyago+.
15 Nka kurya kw’intambwe iroha be n’idubu igira icakire ikintu,
ni ko umutware mubi ameze ku bantu batagira gitabara+.
16 Indongozi itabona kure ikoresha nabi ububasha bwayo+,
ariko indongozi yanka itunga ribi izoramba+.
17 Uwagirwa no gusesa amaraso azorinda apfa ahunga+.
Ntihaze hagire uwumutabara.
18 Uwugendera mu gutungana azokizwa+,
ariko uwugendera mu nzira zigoramye azogwa bukwi na bukwi+.
19 Uwurima itongo ryiwe azoronka ibifungurwa vyinshi,
ariko uwishinga ibintu ata co bimaze azokwicwa n’ubukene+.
20 Umuntu w’umwizigirwa aronka imihezagiro myinshi+,
ariko uwurondera gutunga ningoga ntazoguma ari intungane+.
21 Si vyiza kugira nkunzi+,
ariko vyoshika umuntu agakora ikibi kugira aronke utwo arya.
22 Umuntu w’ishari aguma ahahamira ubutunzi,
ariko ntamenya ko azogwa mu bukene.
23 Uwukosora umuntu+ azoronka ivyiza+
kuruta uwusigana inkore ku maso.
24 Uwiba se na nyina maze akavuga ngo «nta co bitwaye+»,
nta ho ataniye n’umwambuzi+.
25 Umuntu w’umunoho atera amahane,
ariko uwizigira Yehova azororanirwa+.
26 Uwizigira umutima wiwe aba ari ikijuju+,
ariko uwukorana ubukerebutsi aririnda ivyago+.
27 Uwufasha abakene nta co azobura+,
ariko uwubirengagiza azoronka imivumo myinshi.
28 Iyo ababisha bagiye ku butegetsi, abantu barinyegeza,
ariko iyo bahonye, abagororotsi barongerekana+.