Yesaya
kandi ku bwa Yeruzalemu sinzotekereza,
gushika ubugororotsi bwaho bukayanganye nk’umuco wakaka+,
ubukiriro bwaho na bwo bukaka nk’ikimuri+.
Uzokwitwa izina rishasha+,
rivuye mu kanwa ka Yehova ubwiwe.
3 Uzoba urugori rw’ubwiza mu kuboko kwa Yehova,
ube igitambara abami bazingira mu mutwe mu kiganza c’Imana yawe.
Ahubwo uzokwitwa Uwumpimbara+,
igihugu cawe na co citwe Uwarongowe.
Kuko Yehova azohimbarwa kubera wewe,
kandi igihugu cawe kizomera nk’umugore yarongowe.
5 Kuko ababa iwawe bazokurongora
nk’uko umusore arongora umwigeme w’isugi.
Kurya umukwe anezerwa kubera umugeni,
ni ko n’Imana yawe izonezerwa kubera wewe+.
6 Ewe Yeruzalemu, nashize inderetsi hejuru ku nzitiro zawe.
Umurango wose n’ijoro ryose ntizikwiye kwigera zinuma.
Mwebwe muvuga ivyerekeye Yehova,
ntimuruhuke,
7 kandi ntimumwemerere kuruhuka gushika akomeje Yeruzalemu,
emwe, gushika ayigize ikintu gishemezwa mw’isi yose+.»
8 Yehova yarahije ukuryo kwiwe, arahiza ukuboko kwiwe gukomeye ati:
«Sinzoreka ngo abansi bawe bongere kurya intete zawe,
kandi abanyamahanga ntibazonywa umuvinyu wawe mushasha wacumukuriye+.
9 Ahubwo abimbura intete ni bo bazozirya, kandi bazoshemeza Yehova.
Abegeranya inzabibu ni bo bazonywera umuvinyu mu bigo vyanje vyeranda+.»
10 Nimurengane, nimurengane muciye mu marembo.
Nimutunganirize abantu inzira+.
Nimutsindagire ibarabara rikuru* riringanire.
Nimurikuremwo amabuye+.
Nimushingire ikimenyetso* amahanga+.
11 Ibi ni vyo Yehova yatangaje gushika ku mpera z’isi ati:
«Nimubwire umukobwa wa Siyoni muti:
“Raba! Ubukiriro bwawe buraje+.
Raba! Imana ije ifise impera itanga,
kandi impembo itanga iri imbere yayo+.”»