Yesaya
51 Nimunyumvirize, mwebwe abakurikirana ubugororotsi,
mwebwe abarondera Yehova.
Nimwibuke igitandara mwasatuweko
n’ahantu bimba amabuye mwakuwe.
3 Kuko Yehova azohoza Siyoni+.
Azozana uruhoza mu bibanza vyaho vyose vyatikijwe+.
Azotuma agahinga kaho kamera nka Edeni+,
ikiyaya c’ubugaragwa caho kimere nk’itongo rya Yehova+.
Hazorangwa ukwigina n’umunezero,
ugukenguruka n’indirimbo ziryoshe+.
5 Ubugororotsi bwanje buri hafi+.
6 Nimuraramurire amaso kw’ijuru,
mwongere murabe hasi kw’isi.
Kuko ijuru rizovungagurika risanzare nk’umwotsi.
Isi izoshira nk’impuzu,
kandi abayibako bazopfa kurya kw’imibu*.
Ntimutinye agacokoro k’abantu buntu,
kandi ibitutsi vyabo ntibibarandure umutima.
8 Kuko agakoko karya impuzu kazobarya kabamare kurya kw’impuzu.
Mugabo ubugororotsi bwanje buzokwamaho ibihe vyose,
ubukiriro bwanje bugumeho uko ibihe* bigenda birakurakuranwa+.»
Ikangure nko mu misi ya kera, nko mu bihe* vyahise.
10 Mbega si wewe wakamije ikiyaga, ugakamya amazi y’ibenga amahero+?
Si wewe waciye inzira ibwina mu kiyaga ngo abacunguwe bajabuke+?
11 Abacunguwe na Yehova bazogaruka+,
Bazokwigina banezerwe,
kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.
12 «Ni jewe ubwanje ndabahoza+.
Kubera iki wotinya umuntu buntu kandi azopfa+,
ugatinya umwana w’umuntu azokabirana nk’ivyatsi bitoto?
Wamana ubwoba bukarinda bwira kubera uburake bw’uwugucinyiza*,
nk’aho yoba ashoboye kuguhonya.
None uburake bw’uwugucinyiza buri hehe?
14 Uwunamye aboheshejwe iminyororo azorekurwa vuba+.
Ntazopfa ngo aje mu cobo
canke ngo abure ivyo kurya.
15 Jewe ndi Yehova Imana yawe,
umwe avyura ikiyaga agatuma imipfunda yaco isebagirika+.
Nitwa Yehova Nyeningabo+.
16 Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kawe,
ngupfukishe igitutu c’ukuboko kwanje+,
kugira ngo nshinge ijuru, nshinge n’umushinge w’isi+,
mbwire Siyoni nti: “Uri ihanga ryanje+.”
Warakinyoye.
Wariranguje igikombe gituma umuntu adandabagirana+.
18 Mu bana bose yavyaye nta n’umwe ahari ngo amuyobore,
kandi mu bana bose yareze nta n’umwe yamufashe ukuboko.
19 Washikiwe n’ibintu bibiri.
Ni nde azosangira nawe umubabaro?
Uguhona n’ugusenyurwa, inzara n’inkota vyaragushikiye+.
Ni nde azoguhoza+?
20 Abana bawe baguye bararaba+.
Barambaraye mu masanganzira yose*
nk’intama y’inyeshamba yafashwe mu rusenga.
Uburake bwa Yehova n’ugukara kw’Imana yawe vyabahereyemwo.»
21 Ndagusavye rero wumvirize ibi,
ewe wa mugore wahuye n’ivyago kandi uborewe utaborejwe n’umuvinyu.
22 Umukama wawe Yehova, ya Mana yawe irwanira abantu bayo, avuze ati:
«Raba! Nzokura mu kuboko kwawe igikombe gituma umuntu adandabagirana+.
Ico gikombe*, ico gikombe canje c’uburake,
ntuzosubira kukinywako+.
Waremeye umugongo wawe uba nk’ubutaka,
nk’ibarabara bacako.»