Yesaya
61 Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe+,
kuko Yehova yandobanuye* kugira ngo mbwire inkuru nziza abitonda+.
Yantumye gutubika ibikomere vy’abavunitse umutima,
gutangaza ko abagizwe imbohe bazorekurwa,
ko amaso y’abanyororo azokwugururwa rwose+.
2 Yantumye gutangaza umwaka wo gushimwa na Yehova*
n’umusi w’ukwihora w’Imana yacu+,
guhoza abagandaye bose+,
3 kwitwararika abagandariye Siyoni,
kubaha igitambara bambara ku mutwe mu kibanza c’iminyota,
amavuta y’umunezero mu kibanza c’ikigandaro,
n’impuzu y’amashemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe.
4 Bazosubira kwubaka ibibanza vyatikijwe kera,
bavyure ibibanza vyagizwe umusaka kera+.
Bazosanura ibisagara vyatikijwe+,
5 «Ba kavamahanga bazoza baragire amasho yanyu,
abanyamahanga+ bababere abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu+.
7 Mu kibanza c’ibimaramare abantu banje bazoronka imigabane ibiri.
Mu kibanza c’agateterwe bazokwiha akamo k’umunezero kubera umugabane wabo.
Vy’ukuri, bazoronka imigabane ibiri mu gihugu cabo+.
Bazogira umunezero w’ibihe vyose+.
Nzobabera umwizigirwa ndabahe impembo yabo,
kandi nzogirana na bo isezerano ryamaho+.
10 Nzokwigina cane kubera Yehova.
Jewe wese, nzonezererwa Imana yanje+