Imigani
25 N’iyi nyene ni imigani ya Salomo+, yimuwe* n’abantu ba Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda:
2 Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga+,
ubuninahazwa bw’abami na bwo ni ugusuzuma ikintu bitonze.
3 Kurya ijuru rigera hejuru cane, n’ubwimbike bw’isi bugashika kure cane,
ni ko n’ivyiyumviro* vy’umwami ata wobitahura.
6 Ntiwitere iteka imbere y’umwami+,
kandi ntiwishire hamwe n’abahambaye+,
7 kuko yopfuma akubwira ati: «Ingo hano»,
hako akumaramaza imbere y’abanyacubahiro+.
9 Genda mubiyage na mugenzawe+,
ariko ntuhishure ivyo wabwiwe mw’ibanga*+,
10 kugira ngo uwukwumviriza ntakumaramaze
canke ngo usange wakwiragije amajambo mabi* udashobora kugarura.
12 Ku muntu yakira neza impanuro+, umuhanuzi mwiza
ameze nk’ihereni ry’inzahabu n’agasharizo k’inzahabu nzizanziza.
13 Kurya kw’akabeho k’urubura* mu gihe c’iyimbura,
ni ko n’intumwa yizigirwa imeze ku wayitumye,
kuko iruhurira shebuja+.
15 Ukwihangana kurashobora kugondoza umuntu afise ububasha*,
kandi amajambo y’ubwitonzi arashobora kumena igufa+.
17 Ntiwamize ikirenge cawe mu nzu ya mugenzawe,
kugira ntuhave umurambira maze akakwanka.
19 Kwizigira umuntu atari umwizigirwa* mu gihe c’amagorwa
bimeze nko guhekenya n’iryinyo rivunitse canke gutambuka n’ikirenge kimugaye.
20 Kuririmbira umuntu atuntuye ku mutima+,
ni nko kwambura impuzu mu gihe c’imbeho
canke gusuka inkarihe ku munyu witwa alikali*.