Yobu
38 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:
3 Kenyera zigume, uhagarare nk’umugabo.
Ngira ndakubaze, nawe unyishure.
4 Wari hehe igihe narema isi+?
Mbwira nimba ubizi.
5 Ni nde yashinze ibipimo vyayo, nimba ubizi?
Canke ni nde yafashe umugozi akayipima?
6 Inkingi zayo zihagaze ku ki?
Canke ni nde yashinze ibuye ryayo rigumya imfuruka+,
7 igihe inyenyeri zo mu gatondo+ ziha akaruru k’umunezero ziri hamwe,
8 Ni nde yatangiriye ikiyaga akoresheje imiryango+
igihe carindimuka kivuye mw’isôko ryaco?
9 Igihe nacambika ibicu,
nkagitwikira mu mwiza w’umuzitanya,
10 igihe nagishingira akarimbi,
nkagishiriraho ivyugazo n’imiryango+,
11 nkakibwira nti: “Aha ni ho uzogarukira, ntuze uharenge.
Aha ni ho imikuba yawe isuriranya izogarukira+.”
12 Mbega* warigeze uha amategeko igitondo
canke ukamenyesha umutwenzi aho utangurira+,
13 kugira ufate impera z’isi
maze ukunkumure ababisha bave kuri yo+?
14 Isi irahinduka, ikamera nk’ibumba munsi y’ikidodo,
ibiri kuri yo bikibonekeza nk’amabara y’impuzu.
18 Mbega uratahura ubwaguke bw’isi+?
Mbwira ivyo vyose nimba ubizi.
22 Mbega uramaze kwinjira mu bigega vya shelegi*+,
canke uramaze kubona ibigega vy’urubura+,
23 ivyo nabikiye igihe c’ivyago
hamwe n’umusi w’urugamba n’intambara+?
24 Umuco* ukwiragira uzananye inzira iyihe,
canke umuyaga wo mu buseruko uhuhutira kw’isi uzananye he+?
25 Ni nde yaciriye imiserege imyuzurira,
agacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,
26 kugira agwishe imvura ahantu hataba abantu,
mu gahinga katagiramwo umuntu n’umwe+,
27 kugira ajobeke ahantu humye hakagaduka
no kugira atume hamera ivyatsi+?
29 Ni nde yavyaye ibibarafu,
canke udutete tw’urubura dukoroka tuva kw’ijuru+?
30 Ni nde atuma amazi yo mu biyaga afatana akamera nk’ibuye,
hejuru y’amazi y’ibenga hagakonja hagacika ibarafu+?
31 Mbega woshobora kuboha imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kima*,
canke ukabohora imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kesili*+?
32 Woshobora kuzana umugwi w’inyenyeri* igihe cawo kigeze,
canke ukayobora umugwi w’inyenyeri witwa Ashi* n’abana bawo?
35 Woshobora kurungika imiravyo ikagenda,
hanyuma ikagaruka ikakubwira iti: “Turi hano”?
37 Ni nde aciye ubwenge ku buryo yoharura ibicu?
Ni nde yoshobora gucuranura imibindi y’amazi yo kw’ijuru+?
38 Ni nde atuma umukungugu ucika ivyondo,
agatuma n’ibinonko vyo kw’isi bifatana?