Ni indirimbo y’abariko baraduga.
126 Igihe Yehova yagarukana abantu b’i Siyoni bagizwe imbohe+,
wamengo turiko turarota.
2 Ico gihe twarishwe n’agatwengo,
turavuza akaruru k’umunezero+.
Ico gihe abantu bo mu mahanga babwiranye bati:
«Yehova abakoreye ibintu bikomeye+.»
3 Yehova adukoreye ibintu bikomeye+,
kandi umunezero uraturenze.
4 Ewe Yehova, nugarukane abantu bacu bagizwe imbohe,
ubagarukane nka kurya kw’imigezi y’amazi y’i Negebu.
5 Ababiba imbuto barira,
bazokwimbura banezerewe.
6 Uwusohoka arira,
atwaye isaho irimwo imbuto zo kubiba,
emwe azogaruka avuza akaruru k’umunezero+,
yikoreye imiganda y’ivyo yimbuye+.