Ni zaburi ya Dawidi.
143 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+.
Niwumvirize ugutabaza kwanje.
Nunyishure kuko uri umwizigirwa ukaba n’umugororotsi.
2 Ntuburanye umusavyi wawe,
kuko ata muntu n’umwe yoba umugororotsi imbere yawe+.
3 Abansi banje baguma bankurikirana.
Barankubita hasi bakamponyanga.
Batumye mba mu mwiza nk’abantu bapfuye kera.
4 Inguvu zanje zamperanye+.
Umutima wanje watimvye+.
5 Ndibuka imisi ya kera,
nkazirikana ibikorwa vyawe vyose+.
Ndihweza nitonze igikorwa c’amaboko yawe.
6 Ni wewe ndugiriza amaboko.
Meze nk’igihugu kigadutse kinyotewe imvura+. (Sela)
7 Ewe Yehova, nunyishure ningoga+.
Inguvu zanje zamperanye+.
Ntumpishe mu maso hawe+,
ahandiho noca mera nk’abamanuka mu cobo+.
8 Nunyumvishe urukundo rwawe mu gitondo,
kuko ari wewe nizigiye.
Numenyeshe inzira nkwiye gucamwo+,
kuko ari wewe mpanze amaso ngo unyobore.
9 Ewe Yehova, nunkize abansi banje.
Ni wewe mpungirako+.
10 Nunyigishe gukora ivyo ugomba+,
kuko uri Imana yanje.
Impwemu yawe ni nziza.
Ese yonyobora mu gihugu c’ubugororotsi!
11 Ewe Yehova, nunzigame kubera izina ryawe.
Nunkize amagorwa yanje kubera ugororotse+.
12 Nukureho abansi banje+ kubera urukundo rwawe.
Nutikize abo bose bantoteza+,
kuko ndi umusavyi wawe+.